YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 25

25
Pawulo aburana imbere ya Fesito
1Inyuma y’imisi itatu Fesito ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu, 2abonana n’abaherezi bakuru n’abatware b’Abayuda, na bo bamushikiriza ivyo barega Pawulo. 3Maze binginga Fesito ngo abashimishe yimurire Pawulo i Yerusalemu, kuko bategura kumutegerera mu nzira ngo bamwice. 4Fesito arabishura ati: “Pawulo apfungiwe i Kayisariya, kandi nanje ndi mu gusubirayo vuba. 5Nihagire bamwe mu barongozi banyu baza tujane, bamwagiririze hariya, nimba hari ikibi yakoze.”
6Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo. 7Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.
8Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”
9Kubera Fesito yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”
10Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza. 11Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kundekurira kuri aba Bayuda. Nsavye kwungururiza kwa Kayisari.”
12Fesito amaze gukebukana n’abajanama biwe, aca avuga ati: “Ko witwaye kwa Kayisari, uzoburanira kwa Kayisari.”
Fesito na Agripa bavugana ivya Pawulo
13Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito. 14Kubera bahamaze imisi myinshi, Fesito araronka akaryo ko kuganira n’uwo mwami ivya Pawulo. Aravuga ati: “Hano hari umugabo Felisi yasize ari imbohe. 15Igihe naja i Yerusalemu, abakuru b’abaherezi n’abashingantahe b’Abayuda, baramwitwariye bashaka ko ndamutsindisha.
16Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza. 17Abamwagiriza bashitse hano, sinatebeje urubanza, ku musi ukurikira, naciye nicara ku ntebe y’imanza, ndengutsa n’uwo mugabo. 18Abamwagiriza bahagurutse ngo bavuge, ntibamwagirije icaha na kimwe mu vyo nari niteze. 19Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yitwa Yesu yari yarapfuye, ariko Pawulo we akemeza ko ari muzima. 20Jewe sinabona uko noca urwo rubanza, ni co gituma nasavye ko Pawulo yoja i Yerusalemu kugira ngo uburanire yo kuri ivyo bamwagiriza. 21Ariko Pawulo asavye ko yokwungururiza kwa Kayisari, naciye ntegeka ko aguma apfungiwe ngaha gushika ndamurungitse.”
22Agiripa aca abwira Fesito ati: “Nanje ndashaka kwiyumvira uwo muntu.”
Aramwishura ati: “Ejo uzomwiyumvira.”
Pawulo arenguka imbere ya Agiripa
23Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesito aca ategeka ko bazana Pawulo. 24Fesito avuga ati: “Mwami Agiripa, namwe mwese mukoraniye ngaha, murabona uwu mugabo! Abayuda bose baranyitwayeko bambwira ivyiwe haba i Yerusalemu canke ngaha i Kayisariya, basemerera ko adakwiye kwongera kubaho. 25Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma. 26Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari. 27Ntibibereye ko ndungika imbohe nterekanye ico yagirizwa.”

Currently Selected:

Ivyakozwe 25: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in