YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 12

12
Petero ashirwa mw’ibohero
1Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama. 2Nuko afata Yakobo, yavukana na Yohana, amwicisha inkota. 3Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro. 4Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.
5Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.
6Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero. 7Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.
8Wa mumarayika aca abarira Petero ati: “Ambara impuzu n’ibirato vyawe.” Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: “Ambara umutamana wawe, unkurikire.” 9Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa. 10Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga Petero, ntiyasubira kuboneka.
11Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”
12Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga. 13Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye. 14Yumvise ijwi rya Petero, aranezerwa cane, aca asubira inyuma yiruka atuguruye, avuga ati: “Ni Petero ari kw’irembo!”
15Baca bamubwira bati: “Na mba wataye ubwenge!” Ariko babonye ashishikaye kuvyemeza, baca bavuga bati: “Ashobora kuba ari umumarayika wiwe!”
16Ariko Petero ashishikara kudodora, buguruye urugi basanga ni we, baratangara cane. 17Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.
18Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero. 19Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica.
Urupfu rwa Herode
Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe. 20Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.
21Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho. 22Maze abantu basemererera rimwe bavuga bati: “Iyi ni imana ivuze, si umuntu.” 23Ariko, kubera Herode atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa.
24Nuko ijambo ry’Imana rishishikara kugwira no kwamamara.
25Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.

Currently Selected:

Ivyakozwe 12: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in