YouVersion Logo
Search Icon

Zefaniya 1

1
Iteka Abayuda baciriweko
1 # 2 Abam 22:1; Yer 1:2. Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.
2 # 2 Abam 22:16, 17; Yer 8:13. Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize. 3#Hos 4:3.Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize. 4#2 Abam 23:4, 5.Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi; 5#Yer 19:13; 49:1.n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu; 6#Yer 15:6.n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.
7 # 1 Sam 16:5; Yes 13:6; Yer 46:10; Ezk 39:17; Hab 2:20. N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe. 8#2 Abam 24:12, 14.Maze kur’ uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga. 9Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero#1:9 rāba 1 Sam 5:5. bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo. 10#2 Ngo 33:14.Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi. 11#Hos 12:7; Zek 14:21; Yak 5:1.Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe. 12#Zab 94:7; Yer 48:11; Ezk 8:12; Am 6:1; 9:3.Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora. 13#Am 5:11; Mik 6:15.Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.
Umusi uhambaye w’Uhoraho
14 # Ezk 7:7, 12. Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu. 15#Yow 1:15; 2:2.Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’ amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’ umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya, 16#Yer 4:19.n’umusi wo kwumva inzamba n’akaruru k’abirukira ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye n’iminara miremire. 17#Gus 28:29; Zab 79:3; 83:10.Nzotēza ivyago abantu, bitume bagenda nk’impumyi, kuko bancumuyeko jewe Uhoraho; kand’ amaraso yabo azosēswa nk’umukungugu, n’imibiri yabo nk’ibishēshe. 18#Ezk 7:19; 36:5.Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.

Currently Selected:

Zefaniya 1: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in