YouVersion Logo
Search Icon

Zekariya 9

9
Ivyago bizoba ku mahanga
1Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho; 2#Ezk 28:3-5.irishinge n’i Hamati hahereranye na ho, bo n’i Tiro n’i Sidoni, nah’ ar’ abanyabgenge bginshi. 3I Tiro biyubakiye igihome, bīrundira amafeza nk’umukungugu, bo n’amazahabu y’indobanurwa nk’ivyondo vyo mu nzira. 4#Ezk 26:17; 28:18.Yamar’ Umwami Imana azobakomvora, azoshiburira ububasha bgaho mu kiyaga, hatōngōrwe n’umuriro. 5#Zef 2:4.Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira. 6Ikivyarwa ni co kizogazagaza muri Ashidodi, kand’ Abafilisitiya nzobamara amanyama. 7#Lew 3:17; Yes 14:1; 66:17; Zek 12:5.Umufilisitiya nzomuhanagura amaraso mu kanwa, ndamukūre n’ibizira mu menyo; na we azoba indokorano ku Mana yacu, abe nk’umutware w’i Buyuda, kand’ uwo muri Ekuroni azoba nk’Umuyebusi. 8#Zek 10:4; 12:4.Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.
Umwami w’amahoro
9 # Yer 23:5; Mat 11:29; 21:5. Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba. 10#Zab 72:8; Hos 1:7; Mik 5:5, 10.Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi. 11#Ita 37:24; Kuv 24:8; Yes 42:7; 51:14.Kandi nawe, kubg’ amaraso yashinze isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikūra mu rwobo rutagira amazi. 12#Yes 61:7; Yer 31:17.Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri. 13#Ezk 27:13.Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi. 14#Zab 18:14; Yes 21:1.Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko. 15#Lew 4:18.Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi;#9:15 uwo mugozi ni yo mange. bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro. 16#Yes 62:3.Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe. 17#Yes 62:8, 9; Yer 31:12.Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme.

Currently Selected:

Zekariya 9: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

Video for Zekariya 9