YouVersion Logo
Search Icon

Zekariya 11

11
Abayuda bazokwihakana Mesiya, bīkwegere kugesezwa
1 # Yes 2:2, 13. Ugurura inzugi zawe, Lebanoni, umuriro uturire ibiti vyawe vy’amasederi. 2Vuza induru, wa giti c’umuberoshi, kukw isederi ihenutse, kand’ ibiti vyiza‐vyiza bikaba vyononekaye. Ni muvuze induru, mwa biti vy’ imyeloni vy’i Bashani, kukw ikibira kitāmenwa gihindikiranye. 3#Yer 25:34.Umve induru z’abungere, kukw icubahiro cabo catītūtse. Umve imigunza y’intambge yivuga, kuk’ ukuberwa kwa Yorodani kwononekaye. 4Uku ni k’Uhoraho Imana yanje agize, ati Ragira umukuku w’imbāgwa: 5#Ezk 34:3; Hos 12:8.abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera. 6#Yer 13:14.Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo. 7Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku. 8Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe. 9#Yer 15:2.Maze ndavuga, nti Namwe sinkibaragira; ūpfa n’apfe, ūranduka n’arunduke, amasigarira n’aryane. 10Maze nābīra ya nkoni yanje Buntu, ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice isezerano nasezeranye n’amahanga yose. 11Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho. 12#Kuv 21:32; Mat 26:15; 27:9, 10.Ndababarira, nti Namba mubona kw ari vyiza, ni mumpe ingero yanje; bitabaye vyiza, musigeho. Nuko bangerera intete mirongwitatu z’ifeza kw ingero. 13Uhoraho arambgira, ati Terera umubumvyi ako kaminuza k’igiciro banciriye! Nuko nābīra za ntete z’ifeza mirongwitatu, ndazijana nziterera umubumvyi mu nzu y’Uhoraho. 14Maz’ inkoni yanje ya kabiri yitwa Yungiro nca ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice umuvukano w’Abayuda n’ Abisirayeli.
Umwungere mubi
15Nuk’ Uhoraho arambgira, ati Subira wābīre ibiragizwa vy’ umwungere mubi. 16#Ezk 34:3, 4; Yoh 10:13.Kuko rāba, nzohagurutsa umwungere mu gihugu, atazobabara izizimiye, kandi ntazorondera izāsābagiye, n’ izivunitse ntazozunga, canke ngw aragire izigihagaze; arikw azorya inyama z’izivyibushe, mber’ azoguguna n’inzāra zazo. 17#Yer 23:1; Yoh 10:12.Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.

Currently Selected:

Zekariya 11: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

Video for Zekariya 11