YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 9

9
Ugukayangana kwa Yesu
1Arababgira, ati Ndababgira ukuri: mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana buzananye n’ubushobozi.
2 # Mat 17:1-13; Luk 9:28-36. Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo, 3impuzu ziwe zirakayangana, zera derere, kandi nta mumesuzi kw isi yoshoboye kuzeza artyo. 4Maze Eliya na Mose barabiyereka, bavugana na Yesu. 5Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano, nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. 6Ntiyar’ azi ico akwiye kuvuga, kuko bari baguye igihūmura. 7#Mrk 1:11; 2 Pet 1:17; Gus 18:15; Ivyak 3:22.Maz’ igicu kiraza kibatera igitūtu, ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, ni mumwumve. 8Maze bakebaguza vuba, ntibaba bakigira uwundi babona, atari Yesu wenyene, ari kumwe na bo.
9 # Mrk 8:30. Bariko baramanuka ico gisozi, arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu badondera ivyo babonye, Umwana w’umuntu atarazuka avuye mu bapfuye. 10Babīka iryo jambo, basiguzanya ivy’ ukuzuka mu bapfuye ivy’ ari vyo. 11Baramubaza, bati Mbeg’ abanyabgenge b’ivyanditswe ko bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza? 12#Mal 4:5; Yes 53:3.Arabishura, ati Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza. Ariko vyanditswe bite ku Mwana w’umuntu yukw azobabazwa vyinshi, agatiturwa? 13#Mat 11:14; 1 Abam 19:2, 10.Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, kandi bamwigiriye uko bagomba kwose, nk’uko vyanditswe kuri we.
Yesu akiza umuhungu arwaye intandara
14 # Mat 17:14-21; Luk 9:37-42. Bariko barashikīra abigishwa, babona ishengero ryinshi ribajiguje, n’abanyabgenge b’ivyanditswe bahārīra na bo. 15Uwo mwanya ishengero ryose rimurabutswe riratangara rwose, barirukanga baramusanganira, baramuramutsa. 16Arababaza, ati Mwariko murabahāririza ibiki? 17Umwe mur’ iryo shengero aramwishura, ati Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi. 18Ah’ imufatiye hose, imutūra hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira. 19Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire. 20Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro. 21Yesu abaza se, at’ Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo? Aramwishura, at’ Uhereye mu bgana bgiwe. 22Kenshi cane imuta mu muriro no mu mazi ngw imwice. Ariko namba har’ ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare. 23#Mrk 11:23.Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye. 24#Luk 17:5.Se w’uwo mwana aca aturika cane, ati Ndizeye, fasha ukutizera kwanje. 25Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi. 26#Mrk 1:26.Irataka, iramujegeza cane, imuvamwo, amera nk’ūhwereye, bituma abenshi bavuga bat’ Arahwereye. 27Yesu amufata ukuboko, aramuvyura, arahagarara. 28Yinjiye mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye, bati Tweho mbega ko vyatunaniye kuyisenda? 29Arabishura, ati Ben’ irya ntikūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.
Yesu avuga urupfu rwiwe
30 # Yoh 7:1. Bavayo, baca i Galilaya, agomba ko hatogira ūbimenya.#Mat 17:22, 23; Luk 9:43-45. 31#Mrk 8:31; 10:32-34.Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka. 32#Luk 9:45; 18:34.Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza.
Yesu ahana abigishwa biwe ngo ntibarwanire ubukuru
33 # Mat 17:24. Bashika i Kaperinawumu. Yinjiye mu nzu arababaza, ati Mwāhārīra ibiki mu nzira?#Mat 18:1-9; Luk 9:46-50. 34Barīhorera, kuko mu nzira bāhārīra umukuru wabo uw’ ari we. 35#Mrk 10:44.Aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kuba uw’ imbere, n’abe inyuma ya bose, n’abe n’umukozi wa bose. 36#Mrk 10:16.Yābīra akana, agahagarika hagati yabo; arakarera, arababgira, 37#Mat 10:40; Yoh 13:20.at’ Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye.
Yesu yihaniza Yohana
38 # Guh 11:27, 28. Yohana aramubgira, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira. 39#1 Kor 12:3.Yesu aramwishura, ati Ntimumubuze, kukw ata muntu azokora igitangaza mw izina ryanje, azoshobora guca amvuga nabi. 40#Mat 12:30.Kuk’ ūtar’ umwansi wacu ari mu ruhande rwacu. 41#Mat 10:42.Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe.
Ibitsitaza abantu
42Kand’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, iciza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga. 43#Mat 5:30.Ukuboko kwawe ni kwagutsitaza, uguce igikonjo; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo, hak’ uja muri Gehinomu mu muriro utazima, ufise amaboko yompi: [44ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.] 45N’ikirenge cawe ni cagutsitaza, ugice; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse ikirenge, hak’ utererwa muri Gehinomu, ufise ibirenge vyompi: [46ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.] 47#Mat 5:29.N’ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bgami bg’Imana upfuye ijisho, hāk’ utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi: 48#Yes 66:24.ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima. 49#Lew 2:13.Kand’ umuntu wese azoryoshwa n’umuriro, nk’uk’ umunyu uryosha. 50#Mat 5:13; Luk 14:34; Kol 4:6.Umunyu ni mwiza, arik’ umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro.

Currently Selected:

Mariko 9: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in