YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 8

8
Yesu ahāza abantu ibihumbi bine
1 # Mat 15:32-39. Mur’ iyo misi hongera kuba ishengero ryinshi, babura ivyo kurya; ahamagara abigishwa, arababarira, 2#Mrk 6:34-44.at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. 3Nobasezera ngo basubire i wabo bashonje, bogwira isari mu nzira, kandi bamwe ar’ aba kure. 4Abigishwa biwe baramubaza, bat’ Umuntu yokūra hehe imitsima yo guhāza aba bantu, ko hano ari mu gahinga? 5Arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Na bo bati N’indwi. 6Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yābīra ya mitsima ndwi, arayishimira, arayimanyagura, ayihēreza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire: bayigaburira ishengero. 7Kandi bāri bafise udufi duke; araduhezagira, avuga ko batubagaburira na two. 8#Gus 28:5.Bararya, barahāga, batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa, twuzura ibivumvu ndwi. 9Bāri nk’ibihumbi bine; arabasezera. 10Uwo mwanya atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, aja ahēgereye i Dalamanuta.
Yesu yima Abafarisayo ikimenyetso kiva mw ijuru
11 # Yoh 6:30. Haza Abafarisayo, batangura kumuhāririza, bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.#Mat 16:1-12. 12Yitsa umutima cane, ati N’iki gitumye ab’iki gihe barondera ikimenyetso? Ndababgira ukuri ab’iki gihe bakazohabga ikimenyetso? 13Abasiga hano, yongera gutambukira mu bgato, ajabuka hakurya.
Umwambiro w’Abafarisayo, ni wo nyigisho zabo
14Kandi bāri bibagiye gutekera imitsima, nta yo bāri bafise mu bgato, atar’ irobe rimwe. 15#Luk 12:1; Mrk 3:6.Arabihanikiriza, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode. 16Bībūranya muri bo, bati Ntidufise imitsima. 17#Mrk 6:52.Yesu arabimenya, arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise? Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye? 18#Yer 5:21; Ezk 12:2.Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka? 19#Mrk 6:41-44.Hamwe namanyagurira ya mitsima itanu ibihumbi bitanu, mwatororokanije ibisimbo bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura, bati N’icumi na bibiri. 20#Mrk 8:6-9.Ati Kandi hamwe namanyagurira ya mitsima ndwi ibihumbi bine, mwatororokanije ibivumvu bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura, bati N’indwi. 21Arababaza, ati Ntimuraruha mubitahura?
Yesu ahumūra impumyi
22 # Mrk 6:56. Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngw ayikoreko. 23#Mrk 7:32, 33; Yoh 9:6.Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikūra mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikakw ibiganza, arayibaza, ati Har’ ico ubona? 24Iraramura amaso, iramwishura, iti Ndabona abantu kuko mbona ibisa n’ibiti bigendagenda. 25Yongera kurambika ibiganza ku maso yayo, iritegereza, irakira, yihweza vyose neza. 26#Mrk 7:36.Amurungika i we, ati Ntuje no mur’ iyi mihana.
Petero ashinga intahe yuko Yesu ari Kristo
27 # Mat 16:13-28; Luk 9:18-27. Yesu avanayo n’abigishwa biwe, aja mu mihana y’i Kayisariya mu bga Filipo: bari mu nzira, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ngo ndi nde? 28#Mrk 6:15.Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi, abandi ng’ uri Eliya, abandi ng’ ur’ umwe mu bavugishwa n’Imana. 29#Yoh 6:67-69.Na we arababaza, at’ Ariko mweho mugira ngo ndi nde? Petero aramwishura, at’ Uri Kristo. 30#Mrk 9:9.Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babgira ivyiwe.
Petero agirira Yesu impuhwe
31Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka. 32Avuga iryo jambo adakingitiranije. Petero aramwihererana, atangura kumwāmira. 33Arahindukira, abona abigishwa biwe, akankamira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ariko n’ivy’ abantu.
Gukurikira Yesu mu nzira y’umusaraba
34Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire; 35#Mat 10:39.kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza, azobukiza. 36Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru? 37Mbeg’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe? 38#Mat 10:33.Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.

Currently Selected:

Mariko 8: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in