YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 5

5
Yesu asenda abadayimoni benshi mu muntu
1 # Mat 8:28-34; Luk 8:26-40. Bafata hakurya y’ikiyaga mu gihugu c’Abageraseni. 2Avuye mu bgato, umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye ava mu masenga y’imva, aca aramusanganira. 3Yaba mur’ ayo masenga, ntihāgira ūba akibona ico ashobora kumubohesha, n’iyo woba umunyororo: 4kuko bāmubohesheje iminyororo ku maguru no ku maboko kenshi, iy’ amaboko akayicagagura, iy’ amaguru akayivutagura: ntihāgira umuntu afise inkomezi zomutururuza. 5Maz’ imisi yose ku murango no mw ijoro yama mur’ ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye. 6Abonye Yesu akiri kure, arirukanga, arunama, 7#Mrk 1:24.asemerera n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro. 8Kuko yar’ amubariye, ati Va mu muntu, wa mpwemu ihumanye. 9Aramubaza, ati Witwa nde? Aramwishura, ati Gitero ni ryo zina ryanje kuko turi benshi. 10Aramwinginga cane ngo ntazirukane mur’ ico gihugu. 11Kandi kur’ uwo musozi hār’ umukuku mwinshi w’ingurube zirisha: 12ziramwinginga, ziti Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo. 13Arazemerera. Izo mpwemu zihumanye zimusokorotsemwo, zinjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zisuka mu kiyaga, zāri nk’ibihumbi bibiri, amazi araziniga. 14Abāziragira barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi: na bo baza kurāba ibibaye ivy’ ari vyo. 15Bashika aho Yesu ari, basanga uwari yinjiwemwo n’abadayimoni yicaye, yambaye, ubgenge bgāgarutse, umwe nyene yari yinjiwemwo na ca gitero; baratinya. 16Abābibonye babadondera ivy’ uwari yinjiwemwo n’abadayimoni n’ivy’ ingurube. 17Batangura kumwinginga ngw ave mu ntāra yabo. 18Arikw aratambukira mu bgato, uwari yinjiwemwo n’abadayimoni aramwinginga ngw agume kuri we. 19Ntiyamukundira, arikw aramubarira, ati Ja i muhira i wawe mu b’i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kand’ ingen’ ikugiriye ikigongwe. 20#Mrk 7:31; Mat 4:25.Aragenda, atangura gukwiza i Dekapoli ivyo Yesu yamukoreye vyose, abantu bose baratangara.
Yesu akiza umugore arwaye ubutinyanka; azura umukobga wa Yayiro
21Nuko Yesu agenda mu bgato, asubira hakurya, ishengero ryinshi rikoranira kuri we; yar’ i ruhande y’ikiyaga. 22#Mat 9:18-26; Luk 8:41-56.Haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y’ibirenge, 23#Mrk 7:32.aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho. 24Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda.
25Kand’ umugore arwaye ubutinyanka yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, 26yababajwe cane n’abavūzi benshi bamumarisha ibintu vyiwe vyose abitangamw’ ingemu, ntihāgira ico bamumarira, mber’ arushiriza kurwara; 27yumvise ivya Yesu, araza, aca hagati y’ishengero, amuturuka inyuma, akora ku mpuzu yiwe. 28Yari yibgiye, ati N’iyo nokora ku mpuzu ziwe gusa, nokira. 29Uwo mwanya isōko y’amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yukw akize ico cago. 30#Luk 6:19.Ako kanya Yesu yumva muri we ubushobozi bumuvamwo, ahindukira abāndana n’ishengero, arababaza, ati Ni nde akoze ku mpuzu zanje? 31Abigishwa biwe baramwishura, bat’ Ubone abantu bariko barakubānda, nawe ukagira uti Ni nde ankozeko? 32Aberaguzamw’ amaso, ngw abone ūmukozeko. 33Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kukw azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivy’ ukuri vyose. 34Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.
35Akivuga, haza abavuye kwa wa mukuru w’isinagogi, bati Wa mwana wawe aracīkānye, uracagorera iki Umwigisha? 36Ariko Yesu ntiyashira umutima kw ijambo rivuzwe, abarira uwo mukuru w’isinagogi, ati Ntutinye, wizere gusa. 37Ntiyakundira uwundi muntu kujana na we, atari Petero na Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. 38Bashitse ku nzu y’uwo mukuru w’isinagogi, asanga bariko barakoma induru barira baboroga cane. 39#Yoh 11:11.Yinjiye arababaza, ati N’iki gitumye mukoma induru murira? Umwana ntahwereye, arikw arasinziriye. 40Baramutwenga bamushinyagurira. Arabakumīra bose, ajana se w’umwana na nyina n’abāri kumwe na we, yīgira haruguru ah’ ikiziga kiri, 41#Luk 7:14.afata ukuboko kw’ikiziga, arakibarira, ati Talisa kumi; bisobanurwa ngo Gakobga, ndakubariye, nti Vyuka. 42Umukobga aca avyuka uwo mwanya, aragendagenda, kuko yar’ amaze imyaka cumi n’ibiri avutse: baca baratangara cane. 43#Mrk 1:44.Arabihanikiriza cane, ngo ntihagire umuntu n’umwe abimenya, arababarira ngo bamugaburire.

Currently Selected:

Mariko 5: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in