YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 4

4
Yesu ageragezwa na Satani
1Buno Yesu adūganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi.#Mrk 1:12, 13; Luk 4:1–13#Heb 4:15 2Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.#Kuv 34:28; 1 Abam 19:8 3Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’ Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.#Ita 3:1–7 4Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.#Gus 8:3 5Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,#Mat 27:53 6aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe,
ngw Azokuragiza abamarayika biwe,
Na bo bazokuramira mu maboko yabo,
Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.#Zab 91:11, 12
7Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.#Gus 6:16 8Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ ubgiza bgabgo, 9at’ Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga. 10Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.#Gus 6:13 11Maz’ Umurwanizi aramureka, kand’ abamarayika baraza, baramukorera.#Yoh 1:51; Heb 1:6, 14
Yesu yigishiriza i Kaperinawumu
12Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.#Mrk 1:14, 15; Luk 4:14, 15#Mat 14:3 13Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,#Yoh 2:12 14ngw ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana bishike,#Yes 8:23; 9:1
15ngw Igihugu ca Zebuloni n’ igihugu ca Nafutali,
Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani,
I Galilaya h’abanyamahanga,
16Abantu bāri bicaye mu mwiza,
Babonye umuco mwinshi,
Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo,
Umuco urasiye kuri bo.
17Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.#Mat 3:2
Yesu ahamagara abigishwa biwe ba mbere
18Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga#4:18 Urwo rusenga abo ku kiyaga barwita umukwabu. mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.#Mrk 1:16–20; Luk 5:1–11#Yoh 1:40 19Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.#Mat 13:47; Ezk 47:10, 20 20Baca bareka insenga, baramukurikira.#Mat 19:27 21Yīgiye imbere yaho, abona abavukana bandi babiri, Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bgato, bariko barasana insenga zabo, arabahamagara. 22Baca bareka ubgato na se, baramukurikira.
Yesu agenda yigisha, akiza abarwaye
23Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi#4:23 Isīnagogi n’inzu Abayuda bakoraniramwo gusenga no kwumva ivyanditswe. yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.#Mrk 1:39; Luk 4:15, 44; Ivyak 10:38 24Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.#Mrk 6:55 25Kand’ ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya n’i Dekapoli n’i Yerusalemu n’i Yudaya no hakurya ya Yorodani.#Mrk 3:7, 8; Luk 6:17–19

Currently Selected:

Matayo 4: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in