YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 26

26
Baja inama yo kwica Yesu
1 # Mat 7:28; 11:1; 13:53; 19:1. Yesu arangije ayo majambo yose, abgira abigishwa biwe, 2#Mat 20:18.ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.#Mrk 14:1, 2; Luk 22:1, 2.
3Maz’ abaherezi bakuru n’abakuru b’ubgo bgoko bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayafa, 4baja inama yo gusuka Yesu ngo bamufate, bamwice. 5Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.
Yesu asukirwakw amavuta mu nzu kwa Simoni umunyamibembe
6 # Mrk 14:3-9; Luk 7:36-50; Yoh 12:1-8. Yesu ar’ i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, 7umugore aza kuri we afise ikebano ry’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, ayamusuka ku mutwe, arikw ararya. 8Arikw abigishwa babibonye, baritonganya, bati Mbeg’ ubu buhombe n’ubg’ iki? 9Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabga aboro. 10#Luk 11:7.Yesu avyumvise arababgira, ati Mubabariza iki uyu mugore? Ankoreye igikorwa ciza. 11#Gus 15:11.Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose. 12Igitumye ansuka ayo mavuta ku mubiri n’ukuntegurira guhambga. 13Ndababgire ukuri: Ah’ ubu butumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe.
Yuda agura Yesu
14 # Mrk 14:10, 11; Luk 22:3-6. Maz’ umwe muri bamwe cumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru, 15#Yoh 11:57; Zek 11:12.arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu. 16#1 Tim 6:9, 10.Aherakw arondera uburyo bgo kumubaronkera.
Yesu n’abigishwa basangira ivya Pasika
17 # Kuv 12:18-20. Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Ugomba ko tugutegurira hehe ah’ uriburīre ivya Pasika?#Mrk 14:12-16; Luk 22:7-13. 18#Mat 21:3.Arabishura, ati Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire, mut’ Umwigisha agize ngw Igihe ciwe kiri hagufi, agira asangirire ivya Pasika n’abigishwa biwe i wawe. 19Abigishwa bagira nk’uko Yesu yababariye, bategura ivya Pasika.
20 # Mrk 14:17-26; Luk 22:14-23; Yoh 13:21-26. Bugorovye, yicarana n’abigishwa biwe cumi na babiri ngo basangire. 21Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure. 22Barababara cane, batangura kumubaza umwe‐umwe, bati Ni jewe ga Mugenzi? 23Arabishura, at’ Uwo duhūje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angura. 24Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse. 25Yuda amugura aramubaza, ati Ni jewe ga Mwigisha? Na we at’ Urarivuze.
Yesu atanguza Ingaburo Yera
26 # Mat 14:19; 1 Kor 11:23-25. Bariko bararya, Yesu yābīra umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje. 27Yābīra igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati Ni mukinywereko mwese, 28#Kuv 24:8; Yer 31:31; Zek 9:11.kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha. 29Ariko ndababgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa kur’ izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bgami bga Data.
Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana gatatu
30 # Zab 113—118; Luk 22:39; Yoh 18:1. Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono. 31#Zek 13:7; Yoh 16:32.Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.#Mrk 14:27-31; Luk 22:31-34. 32#Mat 28:7.Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya. 33Maze Petero aramwishura, at’ Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza. 34#Yoh 13:38.Yesu aramubgira, ati Ndakubgira ukuri yuko mur’ iri joro inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu. 35#Mat 26:56.Petero aramubgira, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abigishwa bose bavuga bartyo.
Yesu asengana umubabaro ar’i Getsemane
36 # Mrk 14:32-42; Luk 22:40-46. Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abgira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga. 37#Heb 5:7.Ajana Petero na bene Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane. 38#Zab 43:5; Yoh 12:27.Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje. 39#Yoh 18:11; Heb 5:8.Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. 40Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero, at’ Ubgo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe? 41#Heb 2:14; 4:15.Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke. 42Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba. 43Yongera kugaruka asanga basinziriye, kukw amaso yabo yar’ aremerewe. 44#2 Kor 12:8.Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubga gatatu, avuga amajambo amwe n’aya mbere. 45Maz’ agaruka ku bigishwa, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Eh’ igihe kirashitse, Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha. 46#Yoh 14:31.Ni muvyuke, tugende, eh’ ūnguze ari hafi.
Bafata Yesu
47 # Mrk 14:43-50; Luk 22:47-53; Yoh 18:3-12. Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko. 48Arik’ ūmugura yari yabahaye ikimenyetso, at’ Uwo nja gusoma azoba ari we; mumufate. 49Ako kanya ashikīra Yesu, aramubgira, ati N’amahoro ga Mwigisha? Maz’ aramusomagura. 50Yesu aramubarira, ati Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugikore. Buno baraza, bashōrera amaboko kuri Yesu, baramufata. 51Maz’ umwe mu bāri kumwe na Yesu atuma ukuboko, asokōra inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi. 52#Ita 9:6; Ivyah 13:10.Buno Yesu aramubarira, ati Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota. 53#Yow 2:11.Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono#26:53 legiyono imwe n’umuce w’abasoda urimw’ ibihumbi bitandatu. cumi na zibiri? 54Non’ ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba? 55Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate? 56#Mat 26:31.Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike. Bun’ abigishwa bose baramuta, barahunga.
Abaherezi bacira Yesu urubanza rwo gupfa
57 # Mrk 14:53-72; Luk 22:54-71; Yoh 18:12-27. Abāfashe Yesu bamujana kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bāri bakoraniye. 58Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw’umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n’abagendanyi ngw arābe amaherezo. 59Abaherezi bakuru n’abashingantahe b’amakombe bose baronderera Yesu ibirego vy’ibinyoma, ngo babone ingene bomwica. 60Ariko barabibura, naho haje abīgize ivyabona benshi. Ubuheruka haza babiri, 61#Yoh 2:19-21.bat’ Uyo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu. 62Umuherezi mukuru arahaguruka, aramubaza, ati Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki? 63#Mat 27:12.Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana. 64#Zab 110:1; Mat 16:27; 24:30; Dan 7:13.Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru. 65#Mat 9:3; Yoh 10:33.Bun’ umuherezi mukuru yitantamurirakw impuzu ziwe, at’ Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe murīyumviye ingen’ arogose: 66#Yoh 19:7; Lew 24:16.mugira ngw iki? Na bo baramwishura, bat’ Akwiye gupfa. 67#Yes 50:6.Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubīngūra, 68bati Yewe Kristo, dupfindūre: ni nde agukubise?
Petero yihakana Yesu
69Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza ah’ ari, iti Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya. 70Na we abihakanira mu maso ya bose, at’ Ico uvuze sindanakizi. 71Yungururije mu bikingi vy’irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abar’ aho, iti N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti. 72Yongera kubihakana arahira, at’ Uyo muntu sindanamuzi. 73Hahise akanya, abahagazeho baramwēgēra, babgira Petero, bati N’ivy’ ukuri nawe ur’ uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza. 74Bun’ atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu sindanamuzi. Uwo mwanya inkoko irabika; 75#Mat 26:34.Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.

Currently Selected:

Matayo 26: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in