YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 17

17
Ugukayangana kwa Yesu
1 # Mrk 9:2-13; Luk 9:28-36. Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. 2#2 Pet 1:16-18.Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco. 3Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we. 4Petero abgira Yesu, ati Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano: ni wabigomba ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. 5#Mat 3:17; 16:16-17; Gus 18:15.Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve. 6Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane. 7Yesu arabēgēra, abakorako, ati Ve hasi, ntimutinye. 8Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene.
9 # Mat 16:20. Bariko baramanuka ico gisozi, Yesu arabihanikiriza, ati Ntihagire umuntu mubgira ivyo mweretswe, gushitsa ah’ Umwana w’umuntu azozukira avuye mu bāpfuye. 10#Mat 11:14; Mal 4:5.Abigishwa baramubaza, bati None rero n’iki gituma abanyabgenge b’ivyanditswe bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza? 11Arabishura, ati Eliya azoza koko, aroranye vyose neza. 12#Mat 14:9, 10.Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, yamara ntibāmumenye, ariko bamwigiriye uko bagomba kwose. Uko ni ko n’Umwana w’umuntu agira ababazwe na bo. 13#Luk 1:17.Bun’ abigishwa batahura ko yababgiye Yohana Umubatizi.
Yesu akiza umuhungu arwaye intandara
14 # Mrk 9:14-29; Luk 9:37-42. Bashikiriye ishengero, umuntu araza aramupfukamira, 15ati Mwami wanje, girira ikigongwe umwana wanje, kukw arwaye intandara, arasinzikaye cane. Kuko kenshi na kenshi agwa mu muriro no mu mazi. 16Namuzaniye abigishwa bawe, ariko vyabananiye kumukiza. 17#Gus 32:5; Yoh 14:9.Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano. 18Yesu aramukankamira, dayimoni amuvamwo, umuhungu aca akira uwo mwanya. 19#Mat 10:1.Maz’ abigishwa baza kuri Yesu biherereye, baramubaza, bati Tweho n’iki catumye bitunanira kumusenda? 20#Mat 21:21; Luk 17:6; Mrk 11:23.Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [21Ariko ben’ urya ntakūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.]
Yesu avuga urupfu rwiwe
22 # Mat 16:21. Bakigendagenda i Galilaya, Yesu arababgira, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu,#Mrk 9:30-32; Luk 9:43-45. 23kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa. Barababara cane.
Yesu atanga ikori ry’urusengero
24 # Kuv 30:13. Bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero baza kuri Petero, baramubaza, bati Harya Umwigisha wanyu ntatanga ikigabane ca shekeli?#17:24 shekeli n’ihera ry’Abaheburayo. Na we at’ Ego me, aragitanga. 25Binjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, aramubaza, at’ Ugira ngw iki ga Simoni? Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi? 26Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ ababo baracuna. 27Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’ igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe.

Currently Selected:

Matayo 17: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in