YouVersion Logo
Search Icon

Luka 7

7
Yesu akiza umushumba w’umugabisha w’abasoda
1 # Mat 8:5-13. Kand’ ahereje ayo majambo yiwe yose mu matwi y’abantu, aja i Kaperinawumu. 2#Yoh 4:47.Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro. 3Yumvise inkuru ya Yesu, amutumakw abashingantahe b’Abayuda kumwinginga, ngw aze gukiza umushumba wiwe. 4Na bo bashitse aho Yesu ari, baramwinginga cane, bati Birabereye k’umugirira urtyo, 5kukw akunda ubgoko bgacu, n’isinagogi yacu ni we yayitwubakiye. 6Yesu ajana na bo. Atakiri kure y’inzu, wa mugabisha amutumakw incuti ziwe, ati Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje: 7ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira. 8Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora. 9Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye, ati Ndababgire, Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli. 10Abātumwe basubiye mu nzu, basanga wa mushumba akomeye.
Yesu azura umwana w’umupfakazi
11Hashize igihe gitoya, aja mu gisagara citwa Nayini: abigishwa biwe n’ishengero ryinshi bajana na we. 12#Luk 8:42; 1 Abam 17:17.Ashitse hafi y’irembo ry’igisagara, hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ ikinege, kandi nyina yar’ umupfakazi: abantu benshi bo mur’ ico gisagara bari kumwe na we. 13Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira. 14Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka. 15#1 Abam 17:23; 2 Abam 4:36.Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina. 16#Luk 1:68; 19:44.Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo. 17Iyo nkuru yiwe ikwira i Yudaya hose no mu gihugu cose gihereranye na ho.
Yohana Umubatizi atuma kuri Yesu
18 # Mat 11:2-19. Yohana abigishwa biwe bamudondera ivyo vyose. 19#Zab 40:7; 118:26; Mal 3:1; Dan 9:26.Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi? 20Abo bagabo bamushikiriye, baramubgira, bati Yohana Umubatizi yakudutumyeko, ngo Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi? 21Mur’ ako kanya akiza benshi indwara n’ivyago n’impwemu mbi; n’impumyi nyinshi arazihumūra. 22#Yes 35:5; 61:1.Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza. 23Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
Yesu ashingira intahe Yohana Umubatizi
24Abatumwa ba Yohana bagiye, atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga? 25Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambara impuzu zishajije n’abinibanibira baba mu ngo z’abami. 26#Luk 1:76.Ariko mwajanywe no kurāba iki? Umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane. 27Uyo ni we yanditswe,
ng’ Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe,
Ikuroranirize inzira imbere yawe.#Mal 3:1.
28 # Luk 1:15. Ndababgire, Mu bāvyawe n’abagore nta wuruta Yohana: arik’ umutoya mu bgami bg’Imana aramuruta. 29#Luk 3:7, 12; Mat 21:32.Kand’ abantu bose n’abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw’ Imana, kuko bābatijwe na Yohana: 30#Ivyak 13:46.arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.
31Nukw abantu b’iki gihe ndabagereranya n’iki, kandi basa n’iki? 32Basa n’abana bicaye mu kaguriro bahamagarana, bati Twavugije imyironge, ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwarira. 33#Luk 15:2.Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa vino, mugira mut’ Ahagazweko na dayimoni. 34Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. 35Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’abana babgo bose.
Umugore w’umunyavyaha asīga Yesu ku birenge
36 # Luk 11:37. Maz’ umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngw amuzimane. Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye. 37#Mat 26:7-13; Yoh 12:3-8.Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana, 38ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta. 39Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha. 40Yesu aramubgira, ati Simoni, mfise ico ngomba kukubgira. Aramwishura, ati Mbarira, Mwigisha. 41Aramubgira, ati Hābaye umuntu yagurāna, yar’ afise abari mu mwenda wiwe babiri. Umwe yar’ amufitiye idenariyo#7:41 idenariyo imwe n’ihera ryagererwa umuntu ku musi. amajana atanu, uwundi mirongwitanu. 42Maze badafise ico kumwishura, azibahebera bompi. Mbeg’ ūzorushiriza kumukunda n’uwuhe? 43Simoni aramwishura, ati Ngira ngo n’uwo yahebeye nyinshi. Na we aramubgira, at’ Uvuze ukuri. 44#Ita 18:4.Ahindukiriye wa mugore, abgira Simoni, at’ Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge: arik’ uyu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe. 45#Rom 16:16.Ntiwansomye; arik’ uyu uhereye aho ninjiriye ntiyasizeho kunsomagura ibirenge. 46Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge. 47Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke. 48#Luk 5:20, 21.Abgira wa mugore, at’ Urahariwe ivyaha vyawe. 49Maz’ abasangira na we batangura kwibaza, bat’ Uyo ni nde, kw aharira n’ivyaha? 50#Luk 8:48; 17:19; 18:42.Abgira wa mugore, at’ Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.

Currently Selected:

Luka 7: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in