YouVersion Logo
Search Icon

Luka 7:7-9

Luka 7:7-9 RUN1967

ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira. Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora. Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye, ati Ndababgire, Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.