YouVersion Logo
Search Icon

Luka 18

18
Umugani w’umucamanza agabitanya
1 # Rom 12:12; Kol 4:2; 1 Tes 5:17. Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe, 2arababgira, ati Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu. 3Mur’ ico gisagara hār’ umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramubarira, ati Ncira urubanza runkiza umwansi wanje. 4Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu, 5#Luk 11:7, 8.ariko kuk’ uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza. 6Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze. 7None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya? 8Ndababgira yukw izorubacira vuba. Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’ azosanga ukwizera mw isi?
Umugani w’Umufarisayo n’umutozakori
9Uyu mugani na wo awucira abiyizigira ubgabo ko bagororotse, bagakēngēra abandi bose. 10At’ Abantu babiri bādūze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’ Umufarisayo, uwundi yar’ umutozakori. 11#Yes 58:2, 3; Luk 16:15.Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori. 12#Mat 23:23.Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose. 13#Zab 51:1.Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha. 14#Luk 14:11; Mat 23:12; Ezk 21:26.Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Yesu ahezagira abana bato
15 # Mat 19:13-15; Mrk 10:13-16. Maze bamuzanira abana babo b’inzoya ngw abakoreko: abigishwa babibonye barabakankamira. 16Maze Yesu arabahamagara, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ubg’ abameze bartyo. 17#Mat 18:3.Ndababgire ukuri: Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto ntazobginjiramwo na gatoya.
Umutunzi
18 # Mat 19:16-29; Mrk 10:17-30. Umukuru w’isinagogi aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira? 19Yesu aramubaza, at’ Unyitira iki mwiza? Nta mwiza atar’ umwe, ni we Mana. 20#Kuv 20:12-16; Gus 5:16-20.K’uzi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko. 21Aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje. 22#Mat 6:20.Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire. 23Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yar’ umutunzi cane. 24Yesu amwitegereje aravuga, at’ Erega biragoye kw aba vyinshi binjira mu bgami bg’Imana! 25Kukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana. 26Abavyumvise baravuga, bati None rero, ni nde ashobora gukizwa? 27Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.
Inshumbushanyo z’ivyaretswe
28Petero aravuga, ati Rāba, twebge twaretse ivyacu, turagukurikira. 29Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Nta waretse inzu, cank’ umugore, canke bene nyina, cank’ abavyeyi, cank’ abana, kubg’ ubgami bg’Imana, 30atazobishumbushwa umurengera mur’ iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabga ubugingo budashira.
Yesu avuga ivy’ urupfu rwiwe
31 # Luk 9:22, 44. Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.#Mat 20:17-19; Mrk 10:32-34. 32Azoshirwa mu maboko y’abanyamahanga, ashinyagurirwe, ateterezwe, avumwe amate; 33kandi bazomutonagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka. 34#Mrk 9:32.Ntibāgira ico batahura mur’ ivyo, kand’ iryo jambo bāri barihishijwe, ntibāmenya ivyo babgiwe.
Yesu ahumūra impumyi
35 # Mat 20:29-34; Mrk 10:46-52. Ageze hafi y’i Yeriko, hār’ impumyi yicaye i ruhande y’inzira, isēgerereza. 36Yumvise ishengero rihita, ibaza ivy’ ari vyo. 37Barayibgira, bati Ni Yesu Umunyanazareti ahita. 38Irasemerera, iti Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi. 39Abagiye imbere barayizibiranya ngw ihore: arikw irushiriza cane gutakamba, iti Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi. 40Yesu arahagarara, avuga ko bayimuzanira: ishitse hafi, arayibaza, 41at’ Ugomba ko ngukorera iki? Iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwami wanje. 42#Luk 17:19.Yesu arayibgira, ati Humūka, ukwizera kwawe kuragukijije. 43Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.

Currently Selected:

Luka 18: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in