YouVersion Logo
Search Icon

Luka 16

16
Umugani w’umubgiriza mubi
1Maz’ abgira abigishwa biwe, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise umubgiriza wiwe, bamumuregako ko yaya ibintu vyiwe. 2Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje. 3Uwo mubgiriza aribaza, ati Mbe ngira nte, ko databuja agira ansohore mu bubgiriza bganje? Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosēgerereza. 4Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo. 5Ahamagara abāri n’imyenda ya shebuja bose umwe‐umwe, abaza uwa mbere, ati Harya databuja umufitiye ibingana iki? 6Aramwishura, at’ Ingero ijana z’amavuta ya elayo. Na we at’ Abīra icete cawe, wicare vuba, wandike mirongwitanu. 7Kand’ abaza uwundi, ati Harya weho umufitiye ibingana iki? Aramwishura, at’ Ingero ijana z’ingano. Aramubarira, at’ Abīra icete cawe, wandike mirongumunani. 8#Ef 5:8; 1 Tes 5:5.Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco. 9#Luk 14:14; Mat 6:20; 10:40; 19:21.Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.
10 # Luk 19:17. Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye. 11Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo? 12Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy’ abandi mwabīkijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira? 13#Mat 6:24.Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.
Yesu yishura Abafarisayo bamutwenze
14 # Mat 23:14. Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane. 15#Luk 18:9-14; Mat 23:28; Zab 7:9; Imig 6:16, 17.Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.
16 # Mat 11:12, 13. Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira. 17#Mat 5:18.Icoroshe n’ukw ijuru n’isi vyovaho, hakw akazatsa na kamwe kova ku nyuguti imwe yo mu vyagezwe.
18 # Mat 5:32; 19:9. Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akābīra uwundi, aba asambanye; kandi n’uwābīra umugore yahukanye n’umugabo wiwe aba asambanye.
Umugani w’umutunzi n’umworo
19Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami#16:19 inyambarabami: mu Kigiriki ni porufuro, n’iz’ irangi ry’agahama rikayangana cane. n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose. 20Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe. 21#Mat 15:27.Yifuza guhāzwa n’udukorokera musi y’ameza y’uno mutunzi; kand’ imbga na zo zāraza zikamurigata ibisebe. 22Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga. 23Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. 24Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya. 25Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa. 26Mber’ ukūye n’ivyo, hagati yacu namwe harih’ imanga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira abagomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi. 27Na we ati Ndakwinginze se muvyeyi, umurungike mu rugo kwa data, 28kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa. 29#2 Tim 3:16.Aburahamu aramubgira, ati Bafise ivya Mose n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, ni babumvire. 30Na we at’ Oyaye, Aburahamu muvyeyi, ariko ni hājayo ūvuye mu bāpfuye, bazokwihana. 31#Yoh 11:45-53.Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.

Currently Selected:

Luka 16: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in