YouVersion Logo
Search Icon

Luka 11

11
Yesu yigisha abigishwa biwe gusenga
1 # Luk 5:33. Maz’ ar’ ahantu, asenga; ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe. 2#Mat 6:9-13.Arababarira, ati Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze; 3imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo; 4uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.
5Arababgira, ati Ni nde muri mwebge afise incuti yoja i we mu gicugu, akayibgira, ati Ncuti yanje, ngurana udutsima dutatu, 6kuko haje incuti yanje ivuye ku rugendo, nanje ntagira ico ndayizimana: 7#Mat 26:10.uwo mu nzu yomwishura, ati Sigaho kungora, namaze kwugara, kandi turi kumwe n’abana banje ku buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndayiguhe. 8#Luk 18:5.Ndababgire: Nah’ atovyurwa n’ukw ar’ incuti yiwe ngw ayimuhe, ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira, aravyuka, akamuha ivy’ agomba vyose. 9#Mat 7:7-11.Nanje ndababgire: Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa. 10Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa. 11Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; 12canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?#11:12 sikorupiyo: rāba Luka 10:19. 13None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?
Bashira ibikorwa vya Mpwemu Yera kuri Satani
14 # Mat 12:22-30, 43-45; Mrk 3:22-27. Kand’ asenda dayimoni atera uburagi: dayimoni amuvuyemwo, uno muntu w’ikiragi aravuga; ishengero riratangara. 15Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni, ni we amushoboza gusenda abadayimoni. 16#Mrk 8:11.Abandi bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza. 17Na we amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona, n’inzu, iyo yitandukanije, iragwa. 18Na Satani, namba yitandukanije ubgiwe, ubgami bgiwe buzorama bute? Kuko muvuga yuko Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni. 19Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 20#Kuv 8:19.Arik’ urutoke rw’Imana ni rwaba ari rwo runshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye. 21Umuntu w’inkomezi afise ibirwanishwa iy’ ateramiye urugo rwiwe, ibintu vyiwe biba amahoro; 22#Kol 2:15.arik’ ūmurusha inkomezi iy’ aramutse amuteye, akamunesha, amwaka ivy’ arwanisha vyose yari yizigiye, akanyaga ibintu vyiwe, akabigaba. 23#Luk 9:50.Ūtamperereyeko aba ar’ umwansi wanje, kand’ ūdafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje.
24Iy’ impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura, ikavuga, iti Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo. 25Ihashitse, igasanga ikubuye, iteguritse. 26#Yoh 5:14.Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi.
Yesu yishura umugore ashimye nyina
27 # Luk 1:28, 42, 48. Akivuga ivyo, umugore wo mw ishengero ashira hejuru, aramubgira, ati Hahirwa inda yakuvyaye, n’amabere yakwonkeje. 28#Luk 8:15, 21.Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.
Yesu yima abantu ikimenyetso
29 # 1 Kor 1:22. Ishengero rikoraniye kuri we, atangura kubabgira, at’ Iki gihe n’igihe kibi; kirondera ikimenyetso, ariko nta kimenyetso kizohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona.#Mat 12:38-42. 30Nk’uko Yona yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni k’Umwana w’umuntu azoba ku b’iki gihe. 31#1 Abam 10:1.Umugabekazi w’igihugu c’i bumanuko azovana hasi n’abagabo b’iki gihe ku musi w’amateka, azobatsindisha; kuko yavanywe ku mpera y’isi no kwumva ubgenge bga Salomo; kandi rāba, ūruta Salomo ari hano. 32#Yon 3:5.Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Umugani w’itara ryaka
33 # Luk 8:16; Mat 5:15. Nta wodomeka itara ngw arishire mu mwobo, canke ngw aryubikekw igisimbo, arikw arishira ku gitereko caryo, ngw abinjira basange habona. 34#Mat 6:22, 23.Itara ry’umubiri wawe n’ijisho ryawe. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco: arikw iy’ ari ribi, umubiri wawe uba uri n’umwiza. 35Nuko wirābe yuk’ umuco uri muri wewe atar’ umwiza. 36Kand’ umubiri wawe wose ni waba uri n’umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n’umuco, nk’uk’ ukwaka kw’itara kukuboneshereza.
Yesu agaya Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe
37 # Luk 7:36; 14:1. Akibivuga, Umufarisayo aramuhamagara ngw amuzimane: arinjira, aricara ngw arye. 38#Mat 15:2.Wa Mufarisayo abibonye biramutangaza, kukw atabanje gukaraba atararya. 39#Mat 23:1-36.Umwami Yesu aramubgira, at’ Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi. 40Mwa bijuju mwe, iyaremye urukoba si yo yaremye n’imbere? 41Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.
42Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke. 43#Luk 20:46.Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mukunda intebe z’icubahiro mu masinagogi, no kugirwako bgakeye mu tuguriro. 44Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.
45Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura, ati Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse. 46Na we, ati Namwe abigisha ivyagezwe muzobona ibara, kuko mwikoreza abantu imitwaro itokwikorerwa, namwe ubganyu iyo mitwaro ntimuyikozek’ urutoke na rumwe. 47Muzobona ibara, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, ba sogokuruza banyu ari bo bābīshe. 48Uko ni ko mwiyagirije, kandi mwemeye ivyo ba sogokuruza banyu bākoze, kukw ari bo bābīshe, namwe mububakira imva. 49Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama, 50ngw amaraso y’abāvugishwa n’Imana bose yavishijwe, uhereye ku kuremwa kw’isi, aronderwe ku b’iki gihe, 51#Ita 4:8; 2 Ngo 24:20.uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yīciwe hagati y’igicaniro n’ahēra h’urusengero: ni koko, ndababgire, azoronderwa ku b’iki gihe. 52Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubgenge: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.
53Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi, 54#Luk 20:20.bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.

Currently Selected:

Luka 11: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in