YouVersion Logo
Search Icon

Yona 3

3
Yona abūrira ab’i Ninewe; baca barihana
1Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira, 2riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira. 3Nuko Yona ava hasi aja i Ninewe, nk’ ukw ijambo ry’ Uhoraho rivuze. Kandi Ninewe car’ igisagara kinini c’agahebuza, kugikikuza rwar’ urugendo rw’ imisi itatu. 4Yona atangura kuja mu gisagara agenda urugendo rw’umusi umwe; arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa. 5#2 Ngo 20:3; Mat 12:41.Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.
6 # Yob 1:20; 2:8. Inkuru zishika ku mwami w’i Ninewe, ahaguruka ku ntebe yiwe yiyambura imyambaro yiwe, yambara igunira, yicara mu munyota. 7#Dan 6:26; Yow 1:14; Yon 4:11.Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa; 8#Yes 59:6; Yer 18:11.arikw abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri bo. 9#2 Sam 12:22; Yow 2:14.Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.
10 # Yer 18:8. Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.

Currently Selected:

Yona 3: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in