YouVersion Logo
Search Icon

Yoweli 2

2
Yoweli abūrira abantu igitero
1 # Yow 1:15; 2:15. Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi; 2#Ezk 30:3; Am 5:18, 20; Zef 1:15.n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe. 3#Ita 2:8, 9; Yes 51:3; Yow 1:19, 20; Zek 7:14.Umuriro ugenda urayigiza imbere yabo, kand’ inyuma yabo hasigara harāka ibirimi vyawo: imbere yabo igihugu kimeze nka rya tongo ryo muri Edeni, na ho inyuma yabo hasigara ar’ ubugaragwa bg’ibitongozi; eka nta wuzobakira. 4#Ivyah 9:7, 9.Ishusho yabo isa n’iy’ amafarasi; kandi biruka nk’ abagendera ku mafarasi. 5#Yes 5:24; Ob 1:18.Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’ umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara. 6#Nah 2:10.Kuza kwabo guca amahanga ivutu, yose arajonjogora mu maso. 7Bīrasa nk’abahizi; būrira inzitiro z’amabuye nk’abagabo b’abarwanyi; umuntu wese aramiriza imbere yiwe, nta wizanguza. 8#Imig 30:27.Nta wuca ku wundi, umuntu wese aramiriza ah’atumbereye; bīroha mu macumu, nta kibahagarika. 9#Yes 33:4; Yoh 10:1.Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma. 10#Zab 18:7; Yes 13:10; Yow 3:15, 16.Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka. 11#Yow 2:25, 31; Mal 3:2; 1 Tes 4:16; Ivyah 18:8.Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?
Yoweli ahanūra abantu ngo bihane
12 # Gus 4:30; 1 Sam 7:3, 6; Yer 4:1. Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga; 13#Kuv 34:6; Zab 34:18; 86:5, 15; Yon 4:2.imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. 14#Yow 1:9, 13; Yon 3:9; Hag 2:19; Mal 3:10.Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.
15Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza, 16#Kuv 19:10, 14, 15; Gus 24:5; 2 Ngo 20:13; Umus 3:5; 1 Kor 7:5.mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatāma, mukoranye abana n’abakiri kw ibere; umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga. 17#Zab 42:3; Ezk 8:16.Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe?
Uhoraho agarukira abantu biwe
18 # Zab 103:13; Zek 1:14. Maz’ Uhoraho agirira ishaka igihugu ciwe, agirira ikigongwe abantu biwe. 19#Zab 4:7; Yow 1:10; Mal 3:10-12.Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga. 20#Yes 34:3.Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye. 21#Zab 126:2, 3.Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’ Uhoraho yakoze ibihambaye. 22Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye. 23#Gus 11:14; Hos 6:3; Hab 3:18.Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere. 24Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo. 25Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere. 26#Lew 25:19; Yes 49:23.Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra. 27#Yes 44:8; Hos 11:9; Yow 3:17.Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.
Yoweli avugishwa ivy’ ukuzoza kwa Mpwemu Yera
28 # Ivyak 2:17-21. # Yes 32:15; Ezk 39:29; Yoh 7:39; Ivyak 10:45. Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe. 29#1 Kor 12:13.Kandi n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje. 30Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi. 31#Mal 4:5; Mat 24:29; Ivyah 6:12.Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho. 32#Yes 59:20; Ob 1:17; Mik 4:7; Zek 8:12; Rom 9:27; 10:13.Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.

Currently Selected:

Yoweli 2: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in