YouVersion Logo
Search Icon

Hoseya 13

13
Ishavu Imana ifitiye Efurayimu kubg’ ivyaha vyiwe
1Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa. 2#1 Abam 19:18; Yes 40:19, 20; Zab 115:4.Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana. 3#Zab 1:4; 68:2; Hos 6:4.Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko. 4#Kuv 20:3; Yes 43:11; 45:21.Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe. 5#Gus 2:7.Nakumenye igihe wari mu bugaragwa, mu gihugu c’ikigatwa cinshi. 6#Gus 8:12-14; Hos 4:7.Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira. 7#Yer 5:6; Hos 5:14.Ni co catumye mbamerera nk’intambge, kandi nkabategera ku nzira nk’ingwe. 8#2 Sam 17:8.Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.
9 # Gus 33:26. Erega n’ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli, k’unyikunkumuye, wikunkumuye umutabazi wawe! 10#1 Sam 8:5, 19; Hos 8:4.Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa? 11#1 Sam 8:22.Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse. 12#Yob 14:17.Ibigabitanyo vya Efurayimu bitekagiwe hamwe; icaha ciwe kirabītswe. 13#2 Abam 19:3; Yes 13:8.Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke. 14#Yes 25:8; 26:19; Ezk 9:10; 37:12; 1 Kor 15:55.Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje. 15#Ita 41:52; Ezk 17:10; 19:12.Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye. 16#2 Abam 8:12; 18:12; Hos 9:12; 10:14.Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.

Currently Selected:

Hoseya 13: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in