YouVersion Logo
Search Icon

Habakuki 2

2
Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe
1 # Zab 85:8; Yes 21:8. Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndābe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’ amaganya yanje. 2#Yes 30:8.Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ūbisoma anyarutse. 3#Yes 8:17; Dan 10:14; Heb 10:37; 2 Pet 3:9.Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba. 4#Rom 1:17; Gal 3:11; Heb 10:38.Rāba, umutima wiwe urīkakishije, ntutunganye: arik’ umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.
Ibara rizoba ku nkozi z’ibibi
5 # Imig 27:20; Yes 5:14; Dan 2:37, 38. Kand’ ikindi, abo bantu n’imborerwa, n’abantu bihayagiza, bataragama i wabo; baromoye nk’i kuzimu, bameze nk’urupfu, ntibahāga; ariko biyegeranirizakw amahanga yose, bakikumakumirakw amoko yose. 6#Yes 5:8; Mik 2:4; Zek 1:12.Mbeg’ abo bose ntibazobīvuga, bakabacakw akagani bakīkiriza, bati Bazobona ibara, abakuma ibitar’ ivyabo, bagatako bakīremēka amasahu! Mbega bazogeza ryari? 7Mbeg’ abazobarya ntibazobūbīra giturumbuka, n’abazobajegenyura ntibazokwikangura, namwe mugacika inyagano zabo? 8#Yes 33:1.Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
9 # Yes 14:13; Yer 22:13; 49:16. Azobona ibara, ūronderera inzu yiwe inyungu mbi, kugira ngo yiyarikire icāri ciwe hejuru iyo bigwa, ngw abone gukira ukuboko kw’umunyakibi! 10#Guh 16:38.Inzu yawe wayihamagariye gutētērwa, kuko wagesheje amoko menshi, ugacumuza ubugingo bgawe. 11#Luk 19:40.Kukw ibuye ryo mu yubatse inzu rizosemerera, kand’ umutambikwa wo mu vyayimanitse uzoryishura.
12 # Mik 3:10. Azobona ibara, uwubakisha igisagara amaraso yavishije, akaninaharisha igisagara ibigabitanyo! 13#Yer 51:58.Mbega ntibiva k’Uhoraho Nyen’ ingabo kw amoko atamishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akiruhiriza ubusa? 14#Zab 72:19; Yes 11:9.Kuko kumenya icubahiro c’ Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.
15 # Yer 51:7; Int 4:21. Azobona ibara, ūha mugenzi we ibinyobga, na wewe umwongerakw ibituriranije, ukamuboreza, kugira ngo wirābire ubgambure bgiwe! 16#Yer 25:15; Nah 3:5, 6.Utumbaraye ibitētērwa mu gishingo c’icubahiro: enda nywa nawe, wisige ubusa! Igikombe kiri mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kizoruha kigushikeko nawe, kand’ ivy’ isoni biteye ishishi bizoba ku cubahiro cawe. 17#Yer 22:23.Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
18 # Yes 44:10; Yer 10:8, 14; 1 Kor 12:2. Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi? 19#1 Abam 18:26, 27; Zab 135:17.Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba. 20#Zab 11:4; Zek 2:13.Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.

Currently Selected:

Habakuki 2: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in