YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 43

43
Bene Yakobo basubira muri Egiputa gusuma
1 # Ita 41:57. Kigoyi kirushiriza kuba cinshi mu gihugu. 2Bamaze za mpeke bakuye muri Egiputa, se arababgira, at’ Enda ni musubireyo, mudusumire utwo kurya. 3#Ita 42:20.Yuda aramwishura, ati Wa mugabo yararenzwe, avuga ko tutazomugaruka mu maso tutajanye na murumuna wacu. 4Ni waturungikana na murumuna wacu turamanukayo, tugusumire; 5ariko n’utamuturungikana, ntitumanukayo: kuk’ uwo mugabo yatubariye, ati Ntimuzongaruka mu maso mutazananye na murumuna wanyu. 6Isirayeli arababaza, ati N’iki catumye mungirira nabi murtyo, mukabarira uwo mugabo ko mufise uwundi muvukana? 7Baramwishura, bat’ Uwo mugabo yaratubazaguje ku vyacu, no ku vya bene wacu, ati Mbega so aracariho? Har’ uwundi muvukana? Tumwishura nk’uko yatubajije: twari gushobora dute kumenya kw atubarira kumanukana murumuna wacu? 8#Ita 42:2.Yuda abarira se Isirayeli, ati Rekura uwo muhungu ajane nanje, duheze tuve hasi, tugende; tubone kubaho, twoye gupfa, twe nawe n’abana bacu. 9#Ita 42:37.Jewe ndamwishinze, abe ari jewe uzomubaza: ni ntamukugarukanira, ngo mmugushikirize, nzoba ngukoreye icaha kitazomvako gushitsa ibihe bidashira. 10Ereg’ iyo tudateba, none tuba tugarutse ubga kabiri.
11 # Ita 32:20; 37:25. Se Isirayeli arababgira, at’ Enda ko bimeze birtyo, ni mugenze murtya: mujane mu magunira yanyu ibiba mur’ iki gihugu birusha ibindi kuba vyiza, mubishīre uwo mugabo kw ingemurano: umuti wo gusomōra ugeze, n’ ubūki bugeze, n’imibavu, n’isenga, n’ibiyoba, na shakedi; 12#Ita 42:25, 35.kandi ku mahera ya mbere mugerekekw ayandi angana cabugerwe, kugira ngo musubiraney’ amwe yagaruka mu magunira yanyu: kumbure babaye kubiyoberwa; 13muheze mujane murumuna wanyu, muhaguruke, musubire kuri wa mugabo; 14#Ita 42:36; Neh 1:11.Imana Ishobora vyose ibahe guhāngazwa na we, ngw abarekurire mwene nyoko wundi, arekure na Benyamini. Nanje namba nzoba nyakamara, mbe ko!
Bajana Benyamini muri Egiputa
15Abo bagabo bābīra za ngemurano, bajana ya mahera n’ayandi angana na yo cabugerwe, bajana na Benyamini; barahaguruka, baramanuka, bashika muri Egiputa, bahagarara imbere ya Yosefu. 16#Ita 24:2; 39:4.Yosefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, abarira umubgiriza wiwe, ati Jana aba bantu i wanje, utek’ ubabāgire, urondeze, kuko turiburīre hamwe ku murango. 17Uwo mugabo agenza nk’uko Yosefu amubariye; ajana abo bantu mu nzu ya Yosefu. 18Baratinya kukw abinjije mu nzu ya Yosefu: baravugana, bati Ya mahera yagaruka mu magunira yacu, hamwe twaza mbere, ni yo atumye twinjizwa, ngw atwidandagazeko, adusūmire, atugire abaja, anyage n’indogoba zacu. 19Begera uwo mubgiriza wa Yosefu, bavuganira na we ku muryango w’inzu, 20#Ita 42:3, 10.bat’ Udutunge mugenzi, mbere twaramanutse tuje gusuma; 21#Ita 42:27, 35.hanyuma rero dutāhūtse, dushitse ku ndāro, dutekurura amagunira yacu, maz’ umuntu wese asanga amahera yiwe ari mu munwa w’ igunira ryiwe, amahera yacu uko yakanganye kwose: none turayagarukanye. 22Kandi twazanye n’ayandi mahera yo gusumisha. Ariko ntituzi uwashubije ayo mahera yacu mu magunira. 23Arabishura, ati Ni musubize imitima mu nda, mureke gutinya: Imana yanyu, Imana ya so, ivyo n’ivyo yabihēreye mu magunira yanyu: jeho amahera yanyu narayahawe. Asohora Simeyoni, aramubazanira. 24#Ita 18:4; 24:32.Nuko wa mugabo yinjiza abo bantu mu nzu ya Yosefu, abaha amazi, boga ibirenge, agaburira n’ indogoba zabo. 25Batunganya za ngemurano, kugira ngo bazishikirize Yosefu ah’ azira ku murango, kuko bari bumvise yuko bariburīre aho.
26 # Ita 42:6. Yosefu atashe, binjirana za ngemurano bazanye, barazimushikiriza, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 27#Ita 42:11, 13.Na we arabagumisha, arababaza, ati Mbega so aragumye, wa mutāma mwavuga? Aracariho? 28#Ita 37:7, 9; Imig 14:19.Baramwishura, bat’ Ego me, umusavyi wawe aracariho, aragumye. Bicisha bugufi, baramwunamira. 29#Ita 35:17, 18; 42:13.Maze Yosefu, ashikije amaso kuri Benyamini murumuna we, uwo basangiye nyina, arababaza, at’ Uwo ni we muhererezi wanyu mwambariye? Maz’ aramubarira, at’ Imana ikugirire neza, mwana wanje. 30#Ita 42:24; 2 Sam 18:33; 1 Abam 3:26; Yer 31:20.Nuko Yosefu arinyusha, kuko mu mutima yari n’ikigumbagumba ca mwene nyina, arondera ah’ aririra, yikebereza haruguru, aririrayo. 31Araheza yiyuhagira mu maso, aragaruka, ariyumanganya, aravuga, ati Ni muzane ivyo kurya. 32#Ita 46:34; Kuv 8:26.Bamuha ukwiwe, abo bandi ukwabo, n’Abanyegiputa bārīra hamwe na we ukwabo, kukw Abanyegiputa batāsangira n’Abaheburayo, kuko car’ umuziro ku Banyegiputa. 33Babicarika imbere yiwe uko bakurikirana, uhereye ku mfura ugashitsa ku muhererezi; abo bagabo bararābana, baratangara. 34#Ita 45:22.Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.

Currently Selected:

Itanguriro 43: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in