YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 22

22
Imana igeza Aburahamu
1 # Heb 11:17-19; Yak 1:12. Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge. 2#2 Ngo 3:1.Iramubgira, it’ Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira. 3Aburahamu azinduka kare mu gatondo, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na babiri bo mu mikangara yiwe, na Isaka umwana wiwe; nukw asatuje inkwi zo kwosa ikimazi, ava hasi, aja ha hantu Imana yamubariye. 4Ku musi ugira gatatu, Aburahamu atuma amaso, abona aho hantu hakiri kure. 5Nuko Aburahamu abgira iyo mikangara yiwe, ati Ni musigarane iyi ndogoba hano, twe n’ uyu mwana tugiye hariya gusenga, turaheza tugaruke. 6#Yoh 19:17.Aburahamu yābīra za nkwi zo kwosa ikimazi, azikorera Isaka umwana wiwe; na we yitwarira umuriro n’imbugita; nuko bompi barajana. 7Isaka abaza se Aburahamu, ati Mbega da? Aramwitaba, ati N’iki ga mwana wanje? Ati Mbeg’ umuriro n’inkwi kw ari ngibi, non’ umwagazi w’intama uri hehe, wo gutanga kw ikimazi co kwoswa? 8#Yoh 1:29, 36; 1 Pet 1:19.Aburahamu aramwishura, at’ Erega mwananje, Imana ni yo iribgironkere umwagazi w’ikimazi co kwoswa. Nuko bompi barajana. 9#Yak 2:21.Bashika ahantu Imana yamubariye; Aburahamu ahubaka igicaniro, akinyuranyako za nkwi, aboha Isaka umwana wiwe, amurambika kur’ ico gicaniro hejuru y’inkwi. 10Aburahamu atuma ukuboko, yābīra ya mbugita, ngw akerere umwana wiwe. 11Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge. 12#Ita 26:5; 1 Sam 15:22; Mik 6:7, 8.Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege. 13Maze Aburahamu yunamuye amaso, areraguza, inyuma yiwe ahabona impfizi y’intama ifashwe mu mahembe mu gisaka c’inzitane. Aburahamu aragenda, afata ino ntama, ayitanga kw ikimazi co kwoswa mu gishingo c’umwana wiwe. 14Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire,#22:14 Yehova‐yire risobanurwa ng’ Uhoraho azotuma bironkeka. nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.
15Maz’ umumarayika w’Uhoraho ari mw ijuru arongera ahamagara Aburahamu, 16#Zab 105:9; Luk 1:73; Heb 6:13.ati Ndirahiye, ni k’Uhoraho agize, k’ukoze ivyo, ntunyime umwana wawe, kand’ ar’ ikinege, 17#Ita 13:16; 15:5; 24:60; Yer 33:22; Heb 6:14.eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo; 18#Ita 12:3; 22:3; 26:5; Gal 3:8.kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye. 19Aburahamu asubira aho ya mikangara yiwe iri, barikora, basubirana na we i Beri‐sheba; kuko Aburahamu ari ho yaba nyene.
Uruvyaro rwa Nahori
20 # Ita 11:29. Hanyuma y’ivyo babarira Aburahamu, bat’ Erega Miluka na we yavyaranye abana na murumunawe Nahori. 21Imfura yiwe ni Usi, murumuna we ni Buzi, na we akurikirwa na Kemuweli, ari we se wa Aramu; 22na bo bakurikirwa na Kesedi na Hazo na Piludashi na Yidilafu na Betuweli. 23#Ita 24:15.Kandi Betuweli yavyaye Rebeka: abo ukw ar’ umunani Miluka yabavyaranye na Nahori murumuna wa Aburahamu. 24Kand’ incoreke yiwe yitwa Reyuma, na yo yavyaranye na we Teba na Gahamu na Tahashi na Mayaka.

Currently Selected:

Itanguriro 22: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in