YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 4

4
Imana iha Mose ibimenyetso
1Mose arayishura, at’ Erega ntibazonyemera, canke ngo banyumvire, kuko bazombarira, bat’ Uhoraho ntiyakwiyeretse. 2Uhoraho aramubaza, at’ Ico ufise mu kuboko n’iki? Aramwishura, ati N’inkoni. 3Aramubarira, ati Yiterere hasi. Ayiterera hasi, ihinduka inzoka; Mose arayihunga. 4Uhoraho aramubarira, ati Ramvura ukuboko, uyifate umurizo: aramvura ukuboko, arayifata, irongera ihindukira inkoni mu kuboko kwiwe. 5#Kuv 3:6; 19:9.At’ Ivyo n’ukugira ngo baze bemere yuko jewe Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, nakwiyeretse, ari jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo.
6 # Guh 12:10; 2 Abam 5:27. Uhoraho atakw aramubarira, ati Shira igikonjo cawe mu gikiriza. Agishira mu gikiriza; agisokoroye, asanga kijējēta imibembe, cera nka shelegi.#4:6 Shelegi n’ikintu coroshe cera, gikoroka hasi nk’imvura, gikanye cane. 7#2 Abam 5:14.Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe. 8Ati Kandi ni batakwemera, ngo bemezwe n’ ikimenyetso ca mbere, bazokwemezwa n’ica kabiri. 9#Kuv 7:19.Kandi ni baramuka batemejwe n’ivyo bimenyetso vyompi, canke ngo bumvire amajambo yawe, uz’ udahe amazi mu ruzi, uyasuke i musozi; maz’ ayo mazi ukūye mu ruzi, ashitse i musozi azohinduka amaraso.
Imana iha Mose Aroni ngw amufashe
10 # Kuv 6:12; Yer 1:6. Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi. 11Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho? 12#Yes 50:4; Yer 1:9; Mrk 13:11; Luk 21:15.Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga. 13Aramwishura, ati Mwami, ndakwinginze, rāba uwundi wese utuma. 14Mose atuma uburake bg’ Uhoraho buziriringa; Uhoraho aramubgira, ati Mbega Aroni mukurwawe, Umulewi, si h’ari? Kandi nzi kw ar’ imvuzi. Nuko rero, agiye kuza kugusanganira; ni yakubona, azonezerwa mu mutima wiwe. 15#Kuv 4:12; 7:1, 2; Guh 23:5; Gus 18:18; 2 Sam 14:3; Yes 51:16.Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora. 16#Kuv 18:19.Kand’ azokubera umusiguzi wo gusigurira abantu, akubere akanwa, nawe uzomubera nk’Imana. 17Kand’ uze witwaze iyo nkoni, ni yo uzokoresha vya bimenyetso.
Mose aja muri Egiputa
18Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro. 19#Kuv 2:15, 23; Mat 2:20.Uhoraho abarira Mose ar’ i Midiyani, ati Genda subira muri Egiputa, kukw abantu bose bāgomba kukwica bapfuye. 20#Kuv 4:2, 17; 18:2-4; Guh 20:8, 9.Mose akora umugore n’abana, abashira ku ndogoba, asubira mu gihugu ca Egiputa, yitwaje na ya nkoni y’ Imana.
21 # Kuv 7:3; 9:12; 10:1, 20; 11:10; 14:4; Gus 2:30; Yos 11:20; Yes 63:17; Yoh 12:40; Rom 9:17, 18. Uhoraho abarira Mose, ati Ni wasubira muri Egiputa, ntuz’ ubure gukorera imbere ya Farawo ibitangaza vyose nguhaye gukora: mugabo nzokomantaza umutima wiwe, ntazorekura abantu ngo bagende. 22#Yer 31:9; Hos 11:1; Rom 9:4.Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura: 23#Kuv 11:5; 12:29.kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.
24 # Ita 17:14; Guh 22:22. Maze Mose akiri mu rugendo, ari ku ndaro, Uhoraho amusangaho, ashaka kumwica. 25#Yos 5:2, 3.Maze Zipora yābīra ibuye ry’ isare, akeba umutwe w’ico umwana wiwe yambariye, aterera imbere y’ibirenge vya Mose, ati N’ukuri umbereye umugabo avisha amaraso. 26Nuk’ Uhoraho aramureka; maze Zipora aramubgira, at’ Umbereye umugabo avisha amaraso! Gukeba abana ni kwo nkwitiye ntyo.
27 # Kuv 3:1. Uhoraho abarira Aroni, ati Ja mu bugaragwa, usanganire Mose. Aragenda, bahūrira ku musozi w’Imana, aramugumbira. 28#Kuv 4:2-9, 15, 16.Mose abarira Aroni amajambo yose Uhoraho yamutumye, n’ibimenyetso vyose yamugeze gukora. 29#Kuv 3:16.Mose na Aroni baragenda, bakoraniriza hamwe abakuru bose bo mu Bisirayeli: 30Aroni ababarira amajambo yose Uhoraho yatumye Mose, akorera vya bimenyetso imbere y’abantu. 31#Kuv 3:7, 16, 18; 12:27; 1 Ngo 29:20.Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.

Currently Selected:

Kuvayo 4: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in