YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 6

6
Ibihano bigerewe abīdibamiye ata co bīnona
1 # Yes 32:9; Ezk 22:6; Zef 1:12; Luk 6:24. Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga! 2#Yes 10:9.Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini? 3#Ezk 12:27; Am 9:10.Yemwe ko mushira kure umusi mubi, mukīgiza hafi intebe y’umuryano! 4#Est 1:6; Yak 5:5.Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze; 5#Yes 5:12.bavugira inanga mu bijandajando, bakībāzira ivyo kuvuza, nka Dawidi; 6bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu. 7#Am 7:11, 17.Nuko ni co gituma bazogenda ar’ aba mbere mu bambukanwa ar’ inyagano, kand’ ibinezaneza vy’abīshanyangira ku misezero bizoshira, 8#Zab 47:4; Yer 51:14.ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose. 9#Am 8:3.Naho mu nzu imwe hosigaramw’ abantu cumi, bazopfa. 10#2 Ngo 16:14; Am 5:13.Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho! 11#Am 3:15.Kukw ehe rāba, Uhoraho aragera, bikaba: inzu nini igacikamw’ ibihengeri, n’inzu ntoya igacika ubunywenywe. 12#Am 5:7.Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi, 13#1 Abam 22:11.yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha? 14#2 Abam 14:25; Yer 5:15.Arikw ehe rāba, nzobahagurukiriza ihanga, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize; kandi rizobatunatuna, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kagezi gaca mu kiyaya Araba.

Currently Selected:

Amosi 6: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in