YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 3

3
Umugani ugana akariho
1 # Am 2:10; 7:16. Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa, 2#Gus 7:6; Zab 147:19, 20; Mat 11:21-23; Rom 2:9.ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose. 3Mbega babiri bojana bataraganye? 4Cank’ intambge yokwivugira mu kibira ata co yishe? Umugunza w’intambge wotontomera mw isenga ryawo ata co wafashe? 5Cank’ inyoni yogwa mu mutego uri hasi, kand’ udatezwe? Umutego woshibuka ata co ufashe? 6#Yes 45:7; Ezk 33:3; Mik 1:12.Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye? 7#Ita 18:17.Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha. 8#Guh 22:38.Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?
9 # 1 Abam 16:24; 21:1-16. Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo! 10#Yes 3:14, 15; Mik 6:10-12.Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo. 11#2 Abam 17:5, 6; Yes 39:6.Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hazoza abansi, bazota igihugu hagati; bazocobogoza ubuhizi bgawe, ingoro zawe zisahurwe. 12#Kuv 22:13.Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri. 13#Zab 50:7.Ni mwumve, mwagirize inzu ya Yakobo, ni k’Umwami Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo. 14#1 Abam 13:1-3; Hos 10:15.Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi. 15#Abac 3:20; 1 Abam 22:39; Yer 36:22.Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.

Currently Selected:

Amosi 3: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in