1
Mariko 2:17
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu avyumvise, arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abiyumvira ko ari abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abemera ko ari abanyavyaha.”
Compare
Explore Mariko 2:17
2
Mariko 2:5
Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ca kimuga ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
Explore Mariko 2:5
3
Mariko 2:27
Yesu aca arababwira ati: “Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo
Explore Mariko 2:27
4
Mariko 2:4
Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Nuko basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko.
Explore Mariko 2:4
5
Mariko 2:10-11
Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira ca kimuga ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”
Explore Mariko 2:10-11
6
Mariko 2:9
Mbega icoroshe ni uko nobwira iki kimuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’?
Explore Mariko 2:9
7
Mariko 2:12
Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”
Explore Mariko 2:12
Home
Bible
Plans
Videos