1
Mariko 1:35
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera mu ahantu hiherereye.
Compare
Explore Mariko 1:35
2
Mariko 1:15
ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”
Explore Mariko 1:15
3
Mariko 1:10-11
Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”
Explore Mariko 1:10-11
4
Mariko 1:8
Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera.”
Explore Mariko 1:8
5
Mariko 1:17-18
Arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.” Ako kanya nyene baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
Explore Mariko 1:17-18
6
Mariko 1:22
Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe.
Explore Mariko 1:22
Home
Bible
Plans
Videos