Hanyuma Satani amujana ahantu harehare, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato. Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse. Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.”
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’”