Luka 4:5-8
Luka 4:5-8 BKC
Hanyuma Satani amujana ahantu harehare, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato. Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse. Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.” Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’”