Luka 13
13
Nimutihana muzohona
1Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga. 2Yesu arababwira ati: “Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya? 3Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo. 4Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha abandi bantu bose baba i Yerusalemu? 5Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”
6Aca abacira uwu mugani ati: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni giteye mu murima wiwe w’imizabibu. Umusi umwe aja kuraba ko hari icamwa yosangako, arabura. 7Aca abarira umukozi yari ajejwe uwo murima ati: ‘Maze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa kuri uwu musukoni, ariko singire ico ndonka. Giteme, kuko nta cotuma kibandanya conona isi.’
8 Wa mukozi aramubarira ati: ‘Databuja, cihanganire uwundi mwaka, ndakibagarire nongere ndagitabire. 9Nicama bizoba ari vyiza, nikitama na ho uzoheza ugiteme.’ ”
Yesu akiza umugore amugaye kw’Isabato
10Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato. 11Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. 12Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe.” 13Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
14Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abantu bari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”
15Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi? 16Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”
17Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.
Umugani w’akabuto gato n’umwambiro
18Nuko Yesu abandanya avuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki? 19Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”
20Yongerako ati: “Ubwami bw’Imana nobugereranya n’iki? 21Bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu,#13:21 Ni nk’ibilo 27. uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama.”
Irembo ryaga
22Nuko Yesu aca mu bisagara no mu mihana yigisha, yerekeye i Yerusalemu. 23Umuntu umwe aramubaza ati: “Mwami, ubwo abakizwa ntibazoba bake?”
Yesu aramwishura ati: 24“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore. 25Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’
Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’
26 Namwe muzovuga muti: ‘Twarira kandi twanywera imbere yawe, mbere wigishiriza mu mabarabara y’iwacu.’
27 Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’
28 Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo hamwe n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze. 29Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano yo mu Bwami bw’Imana. 30Kandi mumenye ko hari bamwe mu bari inyuma bazoba ab’imbere, na bamwe mu bari imbere bazoba ab’inyuma.”
Yesu aririra Yerusalemu
31Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: “Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica.”
32Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abagwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje. 33Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiye kwicirwa atari i Yerusalemu.
34 Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeraniriza imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira! 35Kubw’ivyo, raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’#13:35 Zaburi 118:26”
Цяпер абрана:
Luka 13: BKC
Пазнака
Падзяліцца
Капіяваць
Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.