Yohana 9
9
Yesu akiza umuntu yavutse ari impumyi
1Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi. 2Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”
3Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we. 4Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora. 5Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.”
6Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu. 7Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.
8Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabaza bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?” 9Bamwe baravuga bati: “Ni we.”
Ariko abandi baravuga bati: “Oya, ni uwo basa.”
Ariko wa muntu arababwira ati: “Ni jewe!”
10Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”
11Arabishura ati: “Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: ‘Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu.’ Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona.”
12Baramubaza bati: “None uwo muntu ari he?”
Arababwira ati: “Sindahazi.”
Abafarisayo batohoza ivy’ukwo gukira
13Nuko bajana wa muntu yahoze ari impunyi imbere y’Abafarisayo, 14kuko Yesu yari yavuruze utwondo, agakiza iyo mpumyi ku musi w’Isabato. 15Abafarisayo na bo babaza wa muntu ingene yahumutse, na we abishura ati: “Yansize utwondo ku maso, nca ndiyuhagira, none ndabona.”
16Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.”
Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.
17Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?”
Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”
18Abakuru b’Abayuda baranse kwemera ko yahora ari impumyi none akaba yakize, kugeza batumyeko abavyeyi biwe. 19Bashitse, barababaza bati: “Uwu yoba ari umuhungu wanyu? Yoba yavutse ari impumyi? None habaye iki ko abona?”
20Abavyeyi biwe barabishura bati: “Ico tuzi, ni umwana wacu kandi yavutse ari impunyi. 21Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.” 22Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero. 23Ni co gituma bavuze bati: “Nimumwibarize, arakuze.”
24Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”
25Arabishura ati: “Aba umunyavyaha, ataba we, ivyo nta co ndabiziko. Ico nzi ni uko nahora ndi impumyi ariko ubu nkaba mbona.”
26Baramubaza bati: “None yakoze iki? Yaguhumuye gute?”
27Arabishura ati: “Ivyo namaze kubibabwira ariko ntimwashatse kuvyumva. Ni kuki mushaka kuvyumva kandi? Mwoba mushaka kuba abigishwa biwe namwe?”
28Baca baramutuka, bamubwira bati: “Ni wewe uri umwigishwa wiwe, twebwe turi abigishwa ba Mose! 29Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”
30Wa muntu yahoze ari impumyi arabishura ati: “Ivyo biratangaje cane! Ntimuzi iyo yaje ava, kandi yampumuye? 31Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka. 32Nta muntu n’umwe yari bwumve aho umuntu yakijije uwavutse ari impumyi. 33Iyo uwo muntu ataba yaje ava ku Mana, nta co yari gushobora gukora.”
34Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.
Ubuhumyi bwo mu buryo bw’impwemu
35Yesu yumvise ko bamwirukanye mu rusengero, aja kumurondera, aramubwira ati: “Mbega urizera Umwana w’Umuntu?”
36Wa muntu aramubaza ati: “Yoba ari nde ga nyakwubahwa, kugira ngo ndamwizere?”
37Yesu aramubwira ati: “Wamaze kumubona kuko ni we muriko muravugana.”
38Wa muntu aravuga ati: “Mwami, ndizeye.” Nuko aca aramwunamira.
39Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”
40Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we, bumvise ayo majambo, baramubaza bati: “Ushaka kuvuga ko natwe turi impumyi?”
41Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”
Цяпер абрана:
Yohana 9: BKC
Пазнака
Падзяліцца
Капіяваць
Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.