Yohana 3

3
Nikodemo
1 # Yoh 7:50; 19:39. Hār’ umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemo, yar’ umukuru wo mu Bayuda; 2#Mat 22:16.uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we. 3#Mat 18:3; Luk 17:21; 1 Pet 1:23.Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana. 4Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka? 5#Ezk 36:25-27; Ef 5:26; Tit 3:5.Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana. 6#Yoh 1:13; Ita 5:3; Zab 51:5.Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu. 7Ntutangazwe n’uko nkubgiye, nti Murakwiye kuvyarwa ubga kabiri. 8#Mrk 4:41; Umus 11:5.Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese. 9Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite? 10Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo? 11#Yoh 7:16; 8:26, 28; 12:49.N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. 12#Luk 22:67.Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru? 13#Imig 30:4; Ef 4:9.Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru. 14#Guh 21:8, 9.Kand’ uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, 15ng’ ūmwizera wese ahabge ubugingo budashira. 16#Rom 5:8; 8:32; 1 Yoh 4:9.Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. 17#Yoh 5:22; 12:47; Luk 19:10; Ivyak 17:31.Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we. 18#Yoh 3:36; 5:24.Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege. 19#Yoh 1:5, 9-11; 12:48.Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi. 20#Ef 5:13.Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.
Yohana yongera gushingira intahe Yesu
22 # Yoh 4:1, 2. Hanyuma y’ivyo Yesu ajana n’abigishwa biwe mu gihugu c’i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza. 23#Mat 4:12.Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa, 24#Mat 14:3.kuko Yohana atāribgashirwe mw ibohero.
25Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura. 26#Yoh 1:26-34.Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we. 27#Heb 5:4.Yohana arabishura, ati Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru. 28#Yoh 1:20, 23, 27; Mrk 1:2; Mat 11:10.Ni mwebge ubganyu munshingira intahe yuko navuze, nti Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwītangira imbere. 29#Mat 9:15; 22:2.Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse. 30#2 Sam 3:1.Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto. 31#Yoh 8:23.Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw isi aba ar’ uwo mw isi nyene, avuga ivy’ isi; uwavuye mw ijuru ni we asumba bose. 32#Yoh 3:11.Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, arik’ ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera. 33Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri. 34#Yoh 1:33, 34.Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero. 35#Yoh 5:20; 17:2; Mat 11:27.Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. 36#Yoh 3:18; Luk 3:7; 1 Yoh 5:12.Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.

المحددات الحالية:

Yohana 3: RUN1967

تمييز النص

شارك

نسخ

None

هل تريد حفظ أبرز أعمالك على جميع أجهزتك؟ قم بالتسجيل أو تسجيل الدخول