1
Luka 13:24
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.
對照
探尋 Luka 13:24
2
Luka 13:11-12
Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya. Yesu amubonye aramuhamagara, aramubgira, ati Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe.
探尋 Luka 13:11-12
3
Luka 13:13
Amurambikakw ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.
探尋 Luka 13:13
4
Luka 13:30
Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
探尋 Luka 13:30
5
Luka 13:25
Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.
探尋 Luka 13:25
6
Luka 13:5
Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
探尋 Luka 13:5
7
Luka 13:27
Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.
探尋 Luka 13:27
8
Luka 13:18-19
Kand’ aravuga, at’ Ubgami bg’Imana busa n’iki, kandi ndabushushanye n’iki? Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.
探尋 Luka 13:18-19
首頁
聖經
計畫
視訊