Matayo 6:16-18

Matayo 6:16-18 RUN1967

Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo. Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso, ngo ntubonwe n’abantu ko wisonzesheje, arik’ ubonwe na So aba mu mpisho, kandi So, abona ivyo mu mpisho, azoguhēra.