1
Matayo 4:4
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’”
Porovnať
Preskúmať Matayo 4:4
2
Matayo 4:10
Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”
Preskúmať Matayo 4:10
3
Matayo 4:7
Yesu na we aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’”
Preskúmať Matayo 4:7
4
Matayo 4:1-2
Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani. Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine ata co arya kandi ata co anywa, yumva arashonje.
Preskúmať Matayo 4:1-2
5
Matayo 4:19-20
Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.” Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
Preskúmať Matayo 4:19-20
6
Matayo 4:17
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Preskúmať Matayo 4:17
Domov
Biblia
Plány
Videá