YouVersion
Pictograma căutare

Itanguriro 6:1-4

Itanguriro 6:1-4 RUN1967

Maz’ abantu batanguye kugwira kw isi, bavyara abakobga, abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose. Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’ uw’ inyama gusa: nuko rer’ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri. Mur’ ico gihe hār’ibigatanya mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana b’Imana bamaze kurongora abakobga b’abantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa.