1
Itanguriro 15:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ ukugororoka.
Comparar
Explorar Itanguriro 15:6
2
Itanguriro 15:1
Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.
Explorar Itanguriro 15:1
3
Itanguriro 15:5
Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.
Explorar Itanguriro 15:5
4
Itanguriro 15:4
Maz’ ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri we, rit’ Uyo si we azotora ivyawe, arik’ ūzova mu kara kawe ni we azobitora.
Explorar Itanguriro 15:4
5
Itanguriro 15:13
Uhoraho abarira Aburamu, at’ Umenye neza yuk’ uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’ icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane
Explorar Itanguriro 15:13
6
Itanguriro 15:2
Aburamu aramubaza, ati Mwami Uhoraho, uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize, kand’ ūzotorana urugo rwanje akaba ari Eliyezeri Umunyadamasiko?
Explorar Itanguriro 15:2
7
Itanguriro 15:18
Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu
Explorar Itanguriro 15:18
8
Itanguriro 15:16
Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.
Explorar Itanguriro 15:16
Início
Bíblia
Planos
Vídeos