1
Yohana 13:34-35
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana. Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
နှိုင်းယှဉ်
Yohana 13:34-35ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
2
Yohana 13:14-15
Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye.
Yohana 13:14-15ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
3
Yohana 13:7
Yesu aramwishura ati: “Ntushobora gutahura ico ndiko ndakora ubu nyene, ariko uzogitahura hanyuma.”
Yohana 13:7ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
4
Yohana 13:16
Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.
Yohana 13:16ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
5
Yohana 13:17
Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.
Yohana 13:17ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
6
Yohana 13:4-5
Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera. Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.
Yohana 13:4-5ရှာဖွေလေ့လာလိုက်ပါ။
ပင်မစာမျက်နှာ
ကျမ်းစာ
အစီအစဉ်
ဗီဒီယို