Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe, bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.