Matayo 2:12-13

Matayo 2:12-13 RUN1967

Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo. Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.

Matayo 2 वाचा