1
Yohana 16:33
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”
Salīdzināt
Izpēti Yohana 16:33
2
Yohana 16:13
Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.
Izpēti Yohana 16:13
3
Yohana 16:24
Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.
Izpēti Yohana 16:24
4
Yohana 16:7-8
Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira. Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza.
Izpēti Yohana 16:7-8
5
Yohana 16:22-23
Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu. Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.
Izpēti Yohana 16:22-23
6
Yohana 16:20
Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.
Izpēti Yohana 16:20
Mājas
Bībele
Plāni
Video