1
Itanguriro 7:1
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje.
Salīdzināt
Izpēti Itanguriro 7:1
2
Itanguriro 7:24
Amazi amara imisi ijana na mirongwitanu yīganziye kw isi.
Izpēti Itanguriro 7:24
3
Itanguriro 7:11
Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo w’icumi n’indwi, amasōko yose y’i kuzimu arapumuka, ingomero zo mw ijuru zose ziragomororwa.
Izpēti Itanguriro 7:11
4
Itanguriro 7:23
Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato.
Izpēti Itanguriro 7:23
5
Itanguriro 7:12
Imvura imara imisi mirongwine igwa kw isi umurango n’ijoro.
Izpēti Itanguriro 7:12
Mājas
Bībele
Plāni
Video