1
Yohana 6:35
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.
Palyginti
Naršyti Yohana 6:35
2
Yohana 6:63
Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.
Naršyti Yohana 6:63
3
Yohana 6:27
Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.
Naršyti Yohana 6:27
4
Yohana 6:40
Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.
Naršyti Yohana 6:40
5
Yohana 6:29
Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.
Naršyti Yohana 6:29
6
Yohana 6:37
Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.
Naršyti Yohana 6:37
7
Yohana 6:68
Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira
Naršyti Yohana 6:68
8
Yohana 6:51
Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.
Naršyti Yohana 6:51
9
Yohana 6:44
Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.
Naršyti Yohana 6:44
10
Yohana 6:33
Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.
Naršyti Yohana 6:33
11
Yohana 6:48
Ni jewe mutsima w’ubugingo.
Naršyti Yohana 6:48
12
Yohana 6:11-12
Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba. Bamaze guhāga, abgira abigishwa biwe, ati Ni mutororokanye utumanyagu tw’ imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa.
Naršyti Yohana 6:11-12
13
Yohana 6:19-20
Bamaze gusōza nka stadiyo mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw arēgēra ubgato, na bo baratinya. Maz’ arababgira, ati Ni jewe, nta co mutinya.
Naršyti Yohana 6:19-20
Pradžia
Biblija
Planai
Vaizdo įrašai