1
Itanguriro 3:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.
Palyginti
Naršyti Itanguriro 3:6
2
Itanguriro 3:1
Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?
Naršyti Itanguriro 3:1
3
Itanguriro 3:15
Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.
Naršyti Itanguriro 3:15
4
Itanguriro 3:16
Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.
Naršyti Itanguriro 3:16
5
Itanguriro 3:19
kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.
Naršyti Itanguriro 3:19
6
Itanguriro 3:17
Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe
Naršyti Itanguriro 3:17
7
Itanguriro 3:11
Aramubaza, ati Ni nde yakubariye ko wambaye ubusa? Mbega wariye kuri ca giti nakubujije kuryako?
Naršyti Itanguriro 3:11
8
Itanguriro 3:24
Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.
Naršyti Itanguriro 3:24
9
Itanguriro 3:20
Uwo muntu yita umugore wiwe Eva, kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose.
Naršyti Itanguriro 3:20
Pradžia
Biblija
Planai
Vaizdo įrašai