1
Luka 11:13
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”
Kokisana
Luka Luka 11:13
2
Luka 11:9
Ni co gituma nanje ndababwiye nti: ‘Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.’
Luka Luka 11:9
3
Luka 11:10
Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
Luka Luka 11:10
4
Luka 11:2
Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti: ‘Data, izina ryawe niryubahwe, Ubwami bwawe nibuze.
Luka Luka 11:2
5
Luka 11:4
Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko. Ntudutererane ibitugerageza.’ ”
Luka Luka 11:4
6
Luka 11:3
Uduhe ivyokurya bidukwiye ku musi ku musi.
Luka Luka 11:3
7
Luka 11:34
Amaso yawe ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco. Ariko iyo abona nabi, umubiri wawe wose uba mu mwijima.
Luka Luka 11:34
8
Luka 11:33
Nta muntu yodomeka itara ngo aheze arihishe canke ngo aryubikeko igiseke. Ariko arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu bose.
Luka Luka 11:33
Ndako
Biblia
Bibongiseli
Bavideo