1
Matayo 19:26
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka. Ariko ku Mana vyose birashoboka.”
ತಾಳೆಮಾಡಿ
Matayo 19:26 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
2
Matayo 19:6
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
Matayo 19:6 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
3
Matayo 19:4-5
Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore, hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’
Matayo 19:4-5 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
4
Matayo 19:14
Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”
Matayo 19:14 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
5
Matayo 19:30
Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.
Matayo 19:30 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
6
Matayo 19:29
Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.
Matayo 19:29 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
7
Matayo 19:21
Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
Matayo 19:21 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
8
Matayo 19:17
Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”
Matayo 19:17 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
9
Matayo 19:24
Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”
Matayo 19:24 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
10
Matayo 19:9
Kandi ndababwire, umuntu wese yirukana umugore atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba asambanye.”
Matayo 19:9 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
11
Matayo 19:23
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.
Matayo 19:23 ಅನ್ವೇಷಿಸಿ
ಮುಖಪುಟ
ಬೈಬಲ್
ಯೋಜನೆಗಳು
ವೀಡಿಯೊಗಳು