1
Luka 17:19
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Aca aramubwira ati: “Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije.”
Compare
Explore Luka 17:19
2
Luka 17:4
Niyagucumurako incuro indwi ku musi, akagaruka incuro indwi nyene akubwira ati: ‘Ndihanye mbabarira,’ uze umuharire.”
Explore Luka 17:4
3
Luka 17:15-16
Umwe muri bo abonye ko yakize, aca asubira inyuma aho Yesu yari ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
Explore Luka 17:15-16
4
Luka 17:3
Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora. Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire.
Explore Luka 17:3
5
Luka 17:17
Yesu arabaza ati: “Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he?
Explore Luka 17:17
6
Luka 17:6
Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.
Explore Luka 17:6
7
Luka 17:33
Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba azobukiza.
Explore Luka 17:33
8
Luka 17:1-2
Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana. Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura.
Explore Luka 17:1-2
9
Luka 17:26-27
Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu. Bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato, maze umwuzure ukaza ukabatikiza bose.
Explore Luka 17:26-27
ಮುಖಪುಟ
ಬೈಬಲ್
ಯೋಜನೆಗಳು
ವೀಡಿಯೊಗಳು