1
Matayo 4:4
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’”
比較
Matayo 4:4で検索
2
Matayo 4:10
Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”
Matayo 4:10で検索
3
Matayo 4:7
Yesu na we aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’”
Matayo 4:7で検索
4
Matayo 4:1-2
Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani. Amaze gusenga yisonzesheje imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, yumva arashonje.
Matayo 4:1-2で検索
5
Matayo 4:19-20
Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.” Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
Matayo 4:19-20で検索
6
Matayo 4:17
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Matayo 4:17で検索
ホーム
聖書
読書プラン
ビデオ