1
Itanguriro 3:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.
השווה
חקרו Itanguriro 3:6
2
Itanguriro 3:1
Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?
חקרו Itanguriro 3:1
3
Itanguriro 3:15
Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.
חקרו Itanguriro 3:15
4
Itanguriro 3:16
Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.
חקרו Itanguriro 3:16
5
Itanguriro 3:19
kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.
חקרו Itanguriro 3:19
6
Itanguriro 3:17
Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe
חקרו Itanguriro 3:17
7
Itanguriro 3:11
Aramubaza, ati Ni nde yakubariye ko wambaye ubusa? Mbega wariye kuri ca giti nakubujije kuryako?
חקרו Itanguriro 3:11
8
Itanguriro 3:24
Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.
חקרו Itanguriro 3:24
9
Itanguriro 3:20
Uwo muntu yita umugore wiwe Eva, kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose.
חקרו Itanguriro 3:20
בית
כתבי הקודש
תוכניות
קטעי וידאו