1
Matayo 14:30-31
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!” Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
Sammenlign
Udforsk Matayo 14:30-31
2
Matayo 14:30
Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”
Udforsk Matayo 14:30
3
Matayo 14:27
Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
Udforsk Matayo 14:27
4
Matayo 14:28-29
Petero aca aravuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.” Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.
Udforsk Matayo 14:28-29
5
Matayo 14:33
Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
Udforsk Matayo 14:33
6
Matayo 14:16-17
Yesu arabishura ati: “Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira.” Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”
Udforsk Matayo 14:16-17
7
Matayo 14:18-19
Arababwira ati: “Nimubinzanire.” Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.
Udforsk Matayo 14:18-19
8
Matayo 14:20
Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
Udforsk Matayo 14:20
Hjem
Bibel
Læseplaner
Videoer